bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Luke 18
Luke 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 19 →
1
Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,
2
arababgira, ati Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu.
3
Mur’ ico gisagara hār’ umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramubarira, ati Ncira urubanza runkiza umwansi wanje.
4
Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu,
5
ariko kuk’ uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza.
6
Kand’ Umwami Yesu aravuga, ati Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze.
7
None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?
8
Ndababgira yukw izorubacira vuba. Arik’ Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’ azosanga ukwizera mw isi?
9
Uyu mugani na wo awucira abiyizigira ubgabo ko bagororotse, bagakēngēra abandi bose.
10
At’ Abantu babiri bādūze baja mu rusengero gusenga, umwe yar’ Umufarisayo, uwundi yar’ umutozakori.
11
Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori.
12
Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.
13
Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.
14
Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
15
Maze bamuzanira abana babo b’inzoya ngw abakoreko: abigishwa babibonye barabakankamira.
16
Maze Yesu arabahamagara, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ubg’ abameze bartyo.
17
Ndababgire ukuri: Ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto ntazobginjiramwo na gatoya.
18
Umukuru w’isinagogi aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?
19
Yesu aramubaza, at’ Unyitira iki mwiza? Nta mwiza atar’ umwe, ni we Mana.
20
K’uzi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.
21
Aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bganje.
22
Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.
23
Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yar’ umutunzi cane.
24
Yesu amwitegereje aravuga, at’ Erega biragoye kw aba vyinshi binjira mu bgami bg’Imana!
25
Kukw icoroshe ar’ ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta umutunzi ko yinjira mu bgami bg’Imana.
26
Abavyumvise baravuga, bati None rero, ni nde ashobora gukizwa?
27
Maz’ arababgira, at’ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.
28
Petero aravuga, ati Rāba, twebge twaretse ivyacu, turagukurikira.
29
Arababgira, ati Ndababgire ukuri, Nta waretse inzu, cank’ umugore, canke bene nyina, cank’ abavyeyi, cank’ abana, kubg’ ubgami bg’Imana,
30
atazobishumbushwa umurengera mur’ iki gihe, no mu gihe kizoza atazohabga ubugingo budashira.
31
Yihererana bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana vyose bizoshika ku Mwana w’umuntu.
32
Azoshirwa mu maboko y’abanyamahanga, ashinyagurirwe, ateterezwe, avumwe amate;
33
kandi bazomutonagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka.
34
Ntibāgira ico batahura mur’ ivyo, kand’ iryo jambo bāri barihishijwe, ntibāmenya ivyo babgiwe.
35
Ageze hafi y’i Yeriko, hār’ impumyi yicaye i ruhande y’inzira, isēgerereza.
36
Yumvise ishengero rihita, ibaza ivy’ ari vyo.
37
Barayibgira, bati Ni Yesu Umunyanazareti ahita.
38
Irasemerera, iti Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.
39
Abagiye imbere barayizibiranya ngw ihore: arikw irushiriza cane gutakamba, iti Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.
40
Yesu arahagarara, avuga ko bayimuzanira: ishitse hafi, arayibaza,
41
at’ Ugomba ko ngukorera iki? Iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwami wanje.
42
Yesu arayibgira, ati Humūka, ukwizera kwawe kuragukijije.
43
Aca ahumūka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana: abantu bose babibonye bashima Imana.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24