bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 1
1 Corinthians 1
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 2 →
1
Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,
2
Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:
3
Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
4
Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.
5
Muri we mwahawe ubutunzi mu buryo bwose, haba mu mvugo no mu bumenyi mufise.
6
Ivyo vyerekana ko intahe ya Kristo twabashingiye yabaye ukuri muri mwebwe.
7
Ni co gituma ata ngabire n’imwe muhajije muri iki gihe mukirindiranye igishika uguhishurwa kw’Umwami wacu Yesu Kristo.
8
Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.
9
Imana yabahamagariye kunywana n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu, ni iyo kwizigirwa, izobikora.
10
Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.
11
Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.
12
Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”
13
Mbega Kristo agabuwemwo ibice? Mbega Pawulo yarababambiwe? Mbega mwabatijwe mw’izina rya Pawulo?
14
Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo,
15
nta n’umwe rero ashobora kuvuga ko yabatijwe mw’izina ryanje.
16
(Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.)
17
Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.
18
Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.
19
Kuko handitswe ngo: “Nzosangangura ubwenge bw’abanyabwenge, n’ubumenyi bw’abiyita ko bazi vyinshi ndabuhindure ubusa.”
20
None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umunyabihari w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?
21
Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.
22
Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo.
23
Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.
24
Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.
25
Kuko ivyitwa ubujuju vy’Imana birusha ubwenge abantu kandi ivyitwa intege nke vy’Imana birusha inkomezi abantu.
26
Bene Data, mwibuke uko mwari igihe mwahamagarwa. Benshi muri mwebwe ntimwari abanyabwenge dufatiye ku vyo abantu baraba. Benshi ntimwari abahambaye, kandi benshi ntimuvuka mu miryango ikomeye.
27
Ariko Imana yahisemwo ivy’ubujuju vy’iyi si kugira ngo imaramaze abiyita abanyabwenge, kandi yahisemwo ibinyantege nke vy’iyi si kugira ngo itetereze ibinyenkomezi.
28
Imana yahisemwo ibitagira ikimazi vy’iyi si n’ibikengerwa ndetse n’ibitariho kugira ngo ihindure ubusa ibiriho.
29
Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.
30
Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.
31
Ni co gituma handitswe ngo: “Uwirata wese yirate ko yamenye Umwami Yesu.”
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16