bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 10
1 Corinthians 10
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 11 →
1
Bene Data, singomba ko mwibagira ko ba sogokuruza mu bugaragwa bagendera musi y’igicu, kandi ko bose bajabutse baciye mu kiyaga.
2
Muri ico gicu no muri ico kiyaga, bose babatiririjwe kuba abigishwa ba Mose.
3
Bose bariye ivyokurya bimwe vy’impwemu,
4
banywa no ku kinyobwa kimwe c’impwemu; kuko banyoye ku gitandara c’impwemu cabaherekeza, ico gitandara na co cari Yesu Kristo ubwiwe.
5
Ariko benshi muri bo ntibanezereye Imana, kuko imivyimba yabo yandagaye mu bugaragwa.
6
Ivyo vyose vyabaye ngo bitubere akarorero kugira ngo imitima yacu ntiyipfuze gukora ivyaha nk’uko babigize.
7
Ntimugasenge ibigirwamana nk’uko bamwe muri bo babisenze, nk’uko handitswe ngo: “Baricaye bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka barinezereza.”
8
Ntituje mu busambanyi nk’uko bamwe muri bo babigize, maze ku musi umwe gusa hagapfa abantu ibihumbi mirongo ibiri na bitatu.
9
Ntitugerageze Kristo nk’uko bamwe babigize bakamarwa n’inzoka.
10
Kandi ntimukidodombe nk’uko bamwe babigize, maze bakicwa n’umumarayika muranduzi.
11
Ivyo vyashitse kugira ngo bitubere akarorero ko kutuburira, twebwe abo mu gihe ca nyuma.
12
Nuko rero uwibaza ko ahagaze, yiyubare ntagwe.
13
Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.
14
None rero abo nkunda, mwirinde gusenga ibigirwamana.
15
Ndababwira nk’abafise ugutahura. Nimurabe mwebwe nyene ko ivyo ndababwira atari ukuri.
16
Iyo tunywera ku gikombe Imana yahezagiye, mbega ntituba dusangiye ku maraso ya Kristo? Iyo tumanyura umukate, ntituba dusangiye ku mubiri wa Kristo?
17
Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.
18
Nimurabe Abisirayeli: mbega abarya ivyashikanywe ntibaba bifatanirije hamwe ku gicaniro?
19
Mbega ngomvye kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana canke ibigirwamana ubwavyo ata co bimaze?
20
Haba na mba. Ivyashikaniwe ibigirwamana biba vyashikaniwe abadayimoni, ari na co gituma ntashaka ko musangira n’abadayimoni.
21
Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami hanyuma ngo mwongere munywere ku gikombe c’abadayimoni. Ntimushobora kurira ku meza y’Umwami hanyuma ngo mwongere murire ku meza y’abadayimoni.
22
Mbega mugomba tuvyure ishari ry’Umwami? Mwibaza ko tumusumvya inguvu?
23
Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose vyubaka.
24
Ntihakagire uwurondera ineza yiwe gusa, ariko twiteho no kugirira abandi neza.
25
Muze murye inyama izo ari zo zose zashowe mu kaguriro, ata co murinze kuzibazako,
26
kuko “isi ari iy’Umwami Imana, n’ibiri muri yo vyose.”
27
Uwutizera niyagutumira iwe gufungura ukagenda, uzofungure ivyo akuzimanye vyose ata co urinze kuvyibazako.
28
Ariko niyakubwira ati: “Ibi vyashikaniwe ibigirwamana,” ntuzobirye ku bw’ineza y’uwo munyantegenke yabikubwiye, kugira ngo ntagire ijwi rimwagiriza mu mutima.
29
Nta co bitwaye kuri mwebwe, ariko hari ico vyica kuri uwo yabibabwiye. Umwidegemvyo wanje ntukwiye kuba igitsitaza ku bandi.
30
Iyo ndabiriyeko nshimira Imana, kubera iki abantu bancira imanza kuri ivyo vyokurya nashimiye Imana?
31
Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.
32
Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.
33
Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16