bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 2
1 Corinthians 2
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
1
Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.
2
Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.
3
Naje iwanyu ndi umunyantege nke, mfise ubwoba, kandi mpinda agashitsi.
4
Ubutumwa bwanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimwo ubwenge bwinshi n’amajambo yo kwemeza abantu, ariko yagaragaramwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera,
5
kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ahubwo guhagarare ku bushobozi bw’Imana.
6
Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.
7
Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwagizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yarabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.
8
Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.
9
Ivyanditswe bivuga biti: “Ivyo amaso atigeze abona, ivyo amatwi atigeze yumva, n’ivyo ubwenge butigeze bwiyumvira, ni vyo Imana yateguriye abayikunda.”
10
Ariko ivyo Imana yarabiduhishuriye muri Mpwemu wayo. Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana.
11
Nk’uko ata wushobora kumenya ivyiyumviro vy’umuntu atari impwemu yiwe, nta n’uwushobora kumenya ivyiyumviro vy’Imana atari Mpwemu wayo.
12
Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu.
13
Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.
14
Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.
15
Abantu bafise Impwemu basesangura vyose ariko bobo nta wubaserangura,
16
kuko handitswe ngo: “Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho kugira ngo amugire inama?” Ariko tweho turabitahura kuko dufise ivyiyumviro vya Kristo.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16