bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 5
1 Corinthians 5
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 6 →
1
Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu Banyamahanga: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se.
2
Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru.
3
N’aho ntari kumwe namwe mu buryo bw’umubiri, ndi kumwe namwe mu buryo bw’impwemu. Uwo muntu yakoze ivyo naramaze kumucira urubanza nk’aho noba ndi kumwe namwe.
4
Nuko rero nimwakorana mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, nanje nkabana namwe mu buryo bw’impwemu, ubushobozi bw’Umwami wacu buzoba buri hagati muri twebwe,
5
maze uwo muntu muze mumuhe Satani kugira ngo akamere k’icaha kiwe karanduke, ariko impwemu yiwe izorokoke ku musi w’Umwami Imana.
6
Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose?
7
Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu.
8
Ni co gituma dukwiye guhimbaza uwo musi mukuru tudakoresheje imikate irimwo umwambiro wa kera, ari wo mwambiro w’ubugunge n’ubukozi bw’ikibi, ariko dukoresheje imikate itarimwo umwambiro, ari yo mikate itagira uburyarya kandi irimwo ukuri.
9
Igihe nabandikira ubwa mbere nari nababujije kwifatanya n’abantu b’ingeso z’ubusambanyi.
10
Simvuga abantu bo mu b’iyi si bagendera mu ngeso z’ubusambanyi, canke ingunge, canke abasuma, canke abasenga ibigirwamana, kuko vyosaba ko muva muri iyi si kugira mushobore kwirinda abantu nk’abo.
11
Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.
12
Si igikorwa canje gucira urubanza abatari mw’ishengero, ariko ni igikorwa canyu gucira urubanza ababandanya bakora ivyaha bari mw’ishengero.
13
Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16