bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 6
1 Corinthians 6
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 7 →
1
Iyo umwe muri mwebwe agize ico apfa na mwene Data wundi, ni kuki amwitwarira mu batubaha Imana ngo babe ari bo babacira urubanza, aho kwitura abizera ngo babatature?
2
Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe?
3
Mbega ntimuzi ko muzocira imanza n’abamarayika? Nuko rero murashoboye gutatura amatati asanzwe yo muri buno buzima.
4
None iyo hadutse amatati yo muri ubu buzima, ni kuki muja kuronderera abacamanza mu bantu batanemewe mw’ishengero?
5
Ibi ndabivuze kugira ngo ndabamaramaze. Birashoboka ko muri mwebwe habura n’umwe afise ubwenge, ashoboye gutatura amatati ari hagati mu bizera?
6
Ariko aho gutatura ayo matati mwebwe nyene, mwene Data umwe yitwarira mugenziwe, kandi akamwitwarira ku batizera!
7
No kuba mufitaniye imanza hagati yanyu, ivyo vyonyene vyerekana ko mwamaze kunanirwa. Ni kuki mudashobora kwihanganira akarenganyo? Ni kuki mudashobora kwihanganira ababiba?
8
Ariko ntibitangaje na mwebwe ubwanyu murarenganya mukongera mukiba, kandi ivyo mukabikorera bene Data bandi.
9
Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,
10
abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.
11
Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.
12
Hari uwuvuga ati: “Vyose ndavyemerewe.” Ni vyo, ariko si vyose bingirira akamaro. Naho vyose ndavyemerewe, sinemera kuganzwa n’ikintu na kimwe.
13
Uwundi avuga ati: “Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi.” Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho.
14
Imana, mu bushobozi bwayo, yazuye Umwami Yesu mu bapfuye, kandi natwe izotuzura.
15
Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vy’umubiri wa Kristo? None nubahuke mfate ingingo z’umubiri wa Kristo, ndazifatanye n’umumaraya? Ntibikabe!
16
Mbega ntimuzi ko uwifatanije n’umumaraya aba abaye umwe na we mu mubiri? Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Uko ari babiri bazohinduka umubiri umwe.”
17
Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.
18
Mwirinde ubusambanyi. Ikindi caha cose umuntu akora ntigifata umubiri. Ariko uwusambana aba acumuye ku mubiri wiwe.
19
Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingoro za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza
20
kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16