bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 3
1 Corinthians 3
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
1
Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.
2
Nabahaye amata, sinabahaye ivyokurya bigumye, kuko ntimwari bwagere kubishobora, kandi n’ubu ntimurabishobora.
3
Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?
4
Iyo umwe muri mwebwe avuze ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo,” uwundi ati: “Nanje ndi umwigishwa wa Apolo,” ntimuba muriko mwigenza nk’ab’iyi si?
5
Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwe umwe wese muri bo.
6
Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.
7
None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.
8
Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,
9
kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.
10
Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi na we akaba ariko ararwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.
11
Kuko ata wushobora gushiraho urundi rufatiro atari urwo nashizeho, ari rwo Yesu Kristo.
12
Uwurwubakako wese ashobora gukoresha ibikoresho bitandukanye: inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ibishakashaka canke ivyatsi.
13
Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwe umwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.
14
Ibikorwa vyiwe nivyarama, azohabwa impera.
15
Ariko uwo muriro niwabitongora, uwo mwubatsi azohomba impera yavyo, ariko wewe arokoke ameze nk’uwokowe mu muriro.
16
Mbega ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?
17
Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana na yo izomurandura, kuko ingoro y’Imana yejejwe, kandi iyo na yo akaba ari mwebwe.
18
Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,
19
kuko imbere y’Imana ubwenge bw’iyi si ari ubujuju, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo.”
20
Ahandi na ho handitswe ngo: “Umwami Imana arazi ivyiyumviro vy’uwigira umunyabwenge, kandi arazi ko ari ubusa gusa.”
21
Nuko rero ntihakagire uwirata ko ari umwigishwa w’umuntu n’umwe, kuko vyose ari ivyanyu:
22
yaba Pawulo, yaba Apolo, yaba Kefa, yaba isi, yaba ubugingo canke urupfu, yaba ibiriho canke ibizoza, vyose ni ivyanyu,
23
namwe muri aba Kristo, Kristo na we ni uw’Imana.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16