bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 11
1 Corinthians 11
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 12 →
1
Munyigane nk’uko nanje nigana Kristo.
2
Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.
3
Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,
4
Umugabo asenga canke avugishwa n’Imana atwikiriye umutwe aba asuzuguje umutwe wiwe.
5
Ariko umugore asenga canke akavugishwa n’Imana adatwikiriye umutwe wiwe aba asuzuguje umutwe wiwe, co kimwe n’iyo yiharanguje.
6
Umugore adatwikiriye umutwe wiwe ariko arasenga, akwiye kumobwa. Kandi nimba ari igiterasoni ku mugore kumwa umushatsi canke kwiharanguza, nawutwikire.
7
Umugabo ntakwiye gutwikira umutwe wiwe, kuko umugabo ni ishusho y’ubwiza bw’Imana; ariko umugore ni ishusho y’ubwiza bw’umugabo.
8
Kuko umugabo ntiyavuye mu mugore, ariko umugore yavuye mu mugabo;
9
kandi umugabo ntiyaremwe ku bw’umugore, ariko umugore yaremwe ku bw’umugabo.
10
Ni co gutuma rero, kubera abamarayika batwihweza, umugore akwiye gutwikira umutwe wiwe, kugira yerekane ko ari musi y’ubundi bubasha.
11
Ariko mu Mwami, umugore agengwa n’umugabo, kandi umugabo agengwa n’umugore.
12
Kuko nk’uko umugore yavuye mu mugabo, umugabo na we avyarwa n’umugore. Ariko ibintu vyose biva ku Mana.
13
Nabe ari mwebwe nyene mwicira urubanza: Mbega birabereye ko umugore asenga Imana adatwikiriye umutwe wiwe?
14
Mbega mu vyo kamere y’ibintu itwigisha, si ibiterasoni ko umugabo atereka umushatsi,
15
ariko umugore awuteretse umubera ubwiza bwiwe? Kuko yawuhawe ngo umubere nk’igitambara kimutwikira.
16
Ariko nimba hariho uwufise ibihari kuri ibi, nobabwira ko ata wundi mugenzo atari uwo, kandi n’ayandi mashengero y’Imana ni wo akurikiza.
17
Mu vyo ngira ndababwire, sindabashima na gato, kuko amakoraniro yanyu yuzuyemwo ibibi gusumba ivyiza.
18
Ica mbere, narumvise ko iyo mukoraniye mu rusengero mwicamwo ibice, kandi ndakeka ko birashobora kuba ari vyo.
19
Koko hategerezwa kuba ukwitandukanya muri mwebwe, kugira ngo abemerwa n’Imana bagaragare.
20
Iyo mukoranye, ntimurya ku ngaburo y’Umwami,
21
kuko iyo mufungura, bamwe muri mwebwe bihutira gufungura ivyabo ntibasangire n’abandi. Ivyo bituma haba abataha bashonje, abandi batashe baborewe.
22
Mbega ntimufise iwanyu aho mwofungurira mukongera mukanywera? Canke mushaka kwonona urusengero rw’Imana no kumaramaza abakenye? Ndababwire iki? Ndabashime n’ibi bintu mukora? Ntibikabe!
23
Kuko ico nahawe n’Umwami ari co nanje nabashikirije: muri rya joro Umwami Yesu yafatwa, yakiriye umukate,
24
awushimira Imana, arawumanyura, avuga ati: “Uwu ni umubiri wanje watanzwe ku bwanyu. Muzohore mubikora mu kunyibuka.”
25
Bahejeje gufungura agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha, ryemejwe n’amaraso yanje. Muzohore mukinywako mu kunyibuka.”
26
Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.
27
Ni co gituma rero uwurya umukate akanywa no ku gikombe uko bitabereye azokwagirwa no gucumura ku mubiri n’amaraso y’Umwami.
28
Umuntu wese akwiye kwisuzuma imbere yo kurya kuri uwo mukate no kunywera kuri ico gikombe.
29
Kuko uwurya uwo mukate canke akanywera kuri ico gikombe adahaye icubahiro umubiri wa Kristo aba yikwegeye gucirwa urubanza.
30
Ni co gituma bamwe muri mwebwe bagira intege nke, bakagwara kandi bamwe muri mwebwe bakaba baranapfuye.
31
Iyo twirimbuye twebwe nyene tukicira urubanza, Imana ntiba ikiruduciriye.
32
Ariko Umwami aduciriye urubanza, aba adutoje indero kugira ngo ntituzociribwe urubanza hamwe n’iyi si.
33
None rero bene Data, iyo mukoraniye ku ngaburo y’Umwami, mube murindirana.
34
Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16