bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
/
1 Corinthians 12
1 Corinthians 12
Kirundi (Bibiliya mu Kirundi Coroshe) Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 13 →
1
Bene Data, ibijanye n’ingabire za Mpwemu Yera, nshaka ko mubitahuzwa neza.
2
Murazi ko mukiri abanyamahanga mwazimizwa n’ibigirwamana bitavuga.
3
Ni co gituma ndababwira ko ata wuvugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ati: “Yesu ni ikivume,” kandi nta wovuga ati: “Yesu ni Umwami,” kiretse abivugishijwe na Mpwemu Yera.
4
Hari ingabire zitandukanye ariko Mpwemu azitanga ni umwe.
5
Imirimo ni myinshi ariko Umwami dukorera ni umwe.
6
Ibikorwa vy’Imana ni vyinshi, ariko iyo Mana nyene ni yo ibikorera muri twebwe twese.
7
Mpwemu w’Imana yiyerekanira mu ngabire kuri umwe umwe wese ku neza ya bose.
8
Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,
9
abandi abaha ingabire y’ukwizera, abandi abaha gukiza ingwara,
10
abandi abaha ububasha bwo gukora ibitangaza, abandi abaha kuvugishwa n’Imana, abandi abaha gusesangura impwemu, abandi abaha kuvuga mu ndimi, abandi na bo abaha kuzisigura.
11
Izo ngabire zose zitangwa na Mpwemu umwe, bivanye n’uko agomba kuzitanga.
12
Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.
13
Twese twabatijwe na Mpwemu umwe mu mubiri umwe: Abayuda, Abagiriki, abagurano, n’abidegemvya, kandi twese twahawe Mpwemu umwe.
14
Umubiri ntugizwe n’igihimba kimwe, ugizwe n’ibihimba vyinshi.
15
Ikirenge kivuze giti: “Ko ntari ukuboko, sindi igihimba c’umubiri,” ivyo ntivyotuma kireka kuba igihimba c’umubiri.
16
Kandi ugutwi kuvuze guti: “Kuko ntari ijisho, sindi igihimba c’umubiri,” ivyo ntivyotuma kureka kuba igihimba c’umubiri.
17
Mbega nka hamwe umubiri wose woba ijisho gusa, wokwumvira he? Canke na ho nka hamwe umubiri wose woba ugutwi, womoterwa biciye he?
18
Ariko noneho Imana yashize ibihimba bitandukanye ku mubiri, kimwekimwe cose aho biyihimbaye kugishira.
19
Umubiri ntiwoba umubiri mu gihe woba ugizwe n’igihimba kimwe gusa.
20
Nk’uko bimeze rero, hari ibihimba vyinshi ariko umubiri ni umwe.
21
Ijisho ntiryobarira ukoboko riti: “Sindagukeneye,” kandi umutwe ntiwobwira ibirenge uti: “Sindabakeneye.”
22
Ahubwo n’ibihimba vyose womenga ni bitobito kurusha ibindi birakenewe cane.
23
Kandi ibihimba womenga ntivyubashwe cane ni vyo twitwararika cane kwambika. Ibihimba tutipfuza ko bija ahabona ni vyo twitwararika gufata neza,
24
ariko ibija ahabona tubifata ibisanzwe. Imana yafatanije ibihimba vy’umubiri vyose ica iha icubahiro ibitagifise,
25
kugira ngo ntihabe ukwitandukanya kw’umubiri, ahubwo ibihimba vyose vyitaneho ku rugero rungana.
26
Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.
27
Namwe muri umubiri wa Kristo, kandi umwe wese muri mwebwe ni igihimba c’umubiri cawo.
28
Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.
29
Bose si intumwa, kandi si abavugishwa n’Imana, si abigisha kandi bose ntibakora ibitangaza.
30
Bose ntibafise ingabire zo gukiza ingwara, ntibavuga mu ndimi zitamenyekana, kandi bose ntibasobanura indimi.
31
Ariko mwipfuze ingabire zisumba izindi zose. Reka ndabereke inzira irashe gusumba izindi zose.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16