bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Samuel 22
1 Samuel 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 23 →
1
Nuko Dawidi avayo, arahunga, aja mw isenga ry’i Adulamu. Bukeye bakuru be na bene wabo bose bavyumvise, baramanuka bamusangayo.
2
Kand’ umuntu wese yari mu magorwa, n’ūrin’umwenda, n’ūgendana imyidogo bakoranira kuri we, aba umukuru wabo; nukw abo bantu bāri kumwe na we bāri nk’amajana ane.
3
Bukeye Dawidi aja i Misipa h’i Mowabu, asaba umwami w’i Mowabu, ati Ndakwinginze, wemerere data na mama bimukire ino, babe i wawe gushitsa aho nzomenyera ico Imana izongirira.
4
Nukw abashikiriza umwami w’i Mowabu; baba i we igihe cose Dawidi yamaze mw isenga.
5
Bukeye ūvugishwa n’Imana Gadi abarira Dawidi, ati Reka gukomeza kuba mur’ iryo senga; rivemwo, uje mu ntāra y’i Buyuda. Nuko Dawidi avayo, aja mu kibira c’i Hereti.
6
Bukeye Sauli yumva ko Dawidi n’abo bari kumwe har’ abababonye; kandi yar’ avyāgiye musi y’igiti c’umwesheli ku gatwe k’ umusozi i Gibeya; yar’ afise icumu mu minwe, kand’ abagendanyi biwe bose bari bahagaze bamukikije.
7
Sauli abaza abo bagendanyi biwe bamuhagaze irya n’ino, ati Yemwe mwa Babenyamini! Aho mwene Isayi uwo azoha umuntu wese muri mwebge amatongo n’imizabibu? Kandi mwese azobagira abagaba ibihumbi n’abagaba amajana,
8
ngo bitume mwese mungarariza? Kw ata n’umwe yarushe ammenyesha k’umwana wanje yasezeranye na mwene Isayi, ntihagire n’ūmbabara n’umwe, cank’ ūmmenyesha k’umwana wanje yangararishirije umuntu akamugira umwansi wanje, nk’uko bimeze n’ubu!
9
Maze Dowegi w’Umunyedomu, yar’ ahagararanye n’abo bagendanyi ba Sauli, yishura umwami, ati Narabonye mwene Isayi uwo aza i Nobu kwa Ahimeleki mwene Ahitubu;
10
na we amusiguriza Uhoraho, kand’ amuha impamba, amuha na ya nkota yar’ iya Goliyati Umufilisitiya.
11
Umwami avyumvise, atuma guhamagaza Ahimeleki umuherezi, mwene Ahitubu, n’ab’ inzu ya se bose, ari bo baherezi b’i Nobu; bose bītaba umwami.
12
Bashitse, Sauli aravuga, ati Wewe mwana wa Ahitubu! Na we ati Sabge mugenzi.
13
Sauli aramubaza, ati N’iki catumye mungīra inama, mwe na mwene Isayi, ukamuha ivyo kurya n’inkota, ukamusiguriza Imana, ngw ankūrire hasi, abe umwansi wanje, nk’uko bimeze ubu?
14
Ahimeleki yishura umwami, ati Mbega none mu basavyi bawe bose har’ uwoba umwizigirwa nka Dawidi umukwe w’ umwami, ari we aganza abagushibamira, akaba umunyacubahiro mu rugo rwawe?
15
Ugira ngo ni bgo bga mbere kumusiguriza Imana? Ntibikabeho ko nokora nk’ivyo! Mugenzi, ntunshirekw ikintu nk’ico, jewe umusavyi wawe, canke ku b’inzu ya data iyo bava bakagera; kukw ata kintu na kimwe nari nzi mur’ ivyo vyose.
16
Umwami aramwishura, ati Nta kabuza, ntugenda udapfuye, mwe n’ab’ inzu ya so bose.
17
Umwami araheza abarira abashibamyi bamukikije, ati Ni mukūre hasi, mwice abo baherezi b’Uhoraho, kuko bāfatanye agatoke na Dawidi, kandi bāri bazi ko yahunze, ntibabimbarire. Arikw abo bantu b’umwami ntibemera gukoza amaboko kur’ abo baherezi b’ Uhoraho.
18
Maz’ umwami abarira Dowegi, ati Kūra hasi weho, wice abo baherezi. Nuko Dowegi Umunyedomu akūra hasi, arabica; uwo musi yica abantu mirongumunani na batanu bambara efodi yera derere.
19
Maz’ i Nobu, igisagara c’abaherezi, akigeseza n’ inkota, abagabo n’abagore, abana n’abonka, bo n’inka n’indogoba n’intama, vyose abimarira ku nkota.
20
Arik’ umwe mu bahungu ba Ahimeleki mwene Ahitubu, yitwa Abiyatari, aracīka, ahungira iyo Dawidi ari.
21
Abikira Dawidi ko Sauli yagesheje abaherezi b’ Uhoraho.
22
Dawidi abarira Abiyatari, ati Wa musi, aho nabona Dowegi Umunyedomu, namenye kw atazobura kubibarira Sauli: abo mu nzu ya so bose ni jewe bazize.
23
N’ugume aho ndi, ntutinye; kuk’ ūmpīga ari we aguhīga: ariko ni wagumana nanje nta co uzoba.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31