bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Samuel 27
1 Samuel 27
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 28 →
1
Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.
2
Nuko Dawidi arahaguruka, bo na za ngabo amajana atandatu zari kuri we, barajabuka baja kwa Akishi mwene Mayoki, umwami w’i Gati.
3
Nuko Dawidi n’izo ngabo ziwe baba i Gati kwa Akishi, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; Dawidi na we yari kumwe n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili w’i Karumeli, yahora ari muka Nabali.
4
Maze babariye Sauli ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyasubira kumurondera ukundi.
5
Maze Dawidi abarira Akishi, ati Ni naba ngutonnyeko, ntabaza ikibanza mu gisagara kimwe co mu vyo mu gihugu, abe ari ho nja kuba; har’ icotuma jewe umusavyi wawe ndinda kubana nawe ku murwa wawe?
6
Nuk’ uwo musi Akishi amugabira i Sikulagi; ni co catumye i Sikulagi haba ah’ abami b’Abayuda bīzīziye na bugingo n’ubu.
7
Igihe Dawidi yamaze mu gihugu c’Abafilisitiya n’ umwaka n’amezi ane.
8
Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.
9
Nuko Dawidi ageseza ico gihugu, ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe; anyaga intama n’inka n’ indogoba n’ingamiya, asahura n’ impuzu; maze yatabāruka akaja kwa Akishi.
10
Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.
11
Ariko Dawidi ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe, kugira ngo ntabajane i Gati, ati Boye kuturega, ngo Dawidi yakoze artya n’ artya. Uko ni ko yahora agenza igihe cose yamaze aba mu gihugu c’Abafilisitiya.
12
Nuko Akishi aca yizigira Dawidi, akavuga, ati Yatumye Abisirayeli bagenzi biwe bamuzinukwa rwose; noneh’ abaye umuntu wanje gushitsa ibihe vyose.
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 28 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31