bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Samuel 7
1 Samuel 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 8 →
1
Nukw ab’i Kiriyati‐yeyarimu baraza, bajana isandugu y’ Uhoraho, bayidūgana umusozi, bayishira kwa Abinadabu; maze barobanura umuhungu wiwe Eleyazari, kugira ngw abe ari we ayizezwa.
2
Kuva ku musi iyo sandugu yashikiye i Kiriyati‐yeyarimu hashira igihe kirekire, nk’imyaka mirongwibiri; ab’ inzu y’Abisirayeli bose barondera Uhoraho batuntuye.
3
Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.
4
Nukw Abisirayeli baca bakūraho za Bayali na Ashitaroti, basaba Uhoraho wenyene.
5
Bukeye Samweli aravuga, at’ Abisirayeli bose ni mubakoranirize i Misipa, nanje nzobasengera k’ Uhoraho.
6
Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.
7
Abafilisitiya bumvise kw Abisirayeli bakoraniye i Misipa, abaganwa babo baca badūga kubatera. Abisirayeli bavyumvise, bagira ubgoba kubg’ Abafilisitiya.
8
Abisirayeli babarira Samweli, bati Ntuhengeshanye kudutakambira k’Uhoraho Imana yacu, kugira ngw adukize, ntidukorokere mu maboko y’Abafilisitiya.
9
Nuko Samweli yābīra umwagazi w’intama uconka, awushikanira Uhoraho kw ikimazi co kwoswa kidasonōye; maze Samweli atakambira Uhoraho kubg’ Abisirayeli; Uhoraho aramwumvira.
10
Samweli akirikw arosa ico kimazi, Abafilisitiya bēgereza Abisirayeli ngo bashireko, barwane. Arik’ Uhoraho kuri nya musi nyene aturikira hejuru y’ Abafilisitiya guturagara guhāmbāye, abaca umuhongo; Abisirayeli ni kwo kubanesha.
11
Ingabo z’ Abisirayeli ziva i Misipa, bakinagiza Abafilisitiya babica ingenda kurinda bashika musi y’i Beti‐kari.
12
Maze Samweli yābīra ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye.
13
Uko ni kw Abafilisitiya bātsinzwe, ntibasubira kurenga urubibe rw’Abisirayeli; mbere mu gihe ca Samweli cose ukuboko kw’Uhoraho kwama gushikamiye Abafilisitiya.
14
Kand’ ibisagara vy’ Abisirayeli vyari vyaranyazwe n’ Abafilisitiya barabisubizwa, uhereye i Ekuroni ugashitsa i Gati, mber’ Abisirayeli bakūra igihugu cabo mu bubasha bg’Abafilisitiya. Ariko hagati y’Abisirayeli n’Abamori ho hār’ impore.
15
Imisi yose Samweli yamaze, yar’ umucamanza w’Abisirayeli.
16
Kand’ uk’ umwaka utashe yama agīshanya imbu kuja i Beteli n’i Gilugali n’i Misipa, acīra Abisirayeli imanza mur’ iyo myanya yose;
17
agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31