bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Samuel 28
1 Samuel 28
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 29 →
1
Mur’ iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo baje gutera Abisirayeli. Akishi abarira Dawidi, at’ Umenye neza ko mwe n’abantu bawe muzotabarana nanje mu rugamba.
2
Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo.
3
Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.
4
Nukw Abafilisitiya barakorakorana, baraza basagaza i Shunemu; Sauli na we akoranya Abisirayeli bose, basagaza i Gilibowa.
5
Sauli abonye ingabo z’Abafilisitiya, aratinya, aranduka umutima.
6
Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.
7
Maze Sauli abarira abantu biwe, ati Ni mumbarize umupfumukazi azi guhamagara imizimu, nje kumubaza. Abantu biwe baramwishura, bati Harih’ umupfumukazi abizi i Endori.
8
Nuko Sauli ariyoberanya, yambara izindi mpuzu, ajana n’abantu babiri, baja kur’ uwo mupfumukazi mw ijoro. Maze Sauli aramubarira, ati Ntabara umpamagarize umuzimu ubumenyi bgawe, unzūrire uwo ngira nkubarire.
9
Uwo mupfumukazi aramwishura, ati Mbega ntuzi ivyo Sauli yakoze, ingene yahoneje abahamagara imizimu n’abamenyi mu gihugu? N’iki gitumye ugomba kunta mu mutego, kugira ng’ unyicishe?
10
Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.
11
Uwo mupfumukazi aramubaza, at’ Ugomba ko nkuzūrira nde? Na we ati Nzūrira Samweli.
12
Uwo mupfumukazi abonye Samweli, atura ubuku n’ijwi rirenga, abaza Sauli, at’ Umbesheye iki? Erega ni wewe Sauli!
13
Umwami aramwishura, ati Hūmura! Mbarira ico ubonye. Nya mupfumukazi aramwishura, ati Mbonye igisa n’imana kidūga kiva i kuzimu.
14
Sauli aramubaza, ati Gisa gite? Na we ati Hariko haradūga umutāma, kandi yambaye igikwemu. Maze Sauli aca amenya kw ari Samweli, akubita inkoro hasi, aramwūnamira.
15
Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.
16
Samweli aramwishura, at’ Ubimbarije iki, k’ Uhoraho yakuretse, agahinduka umwansi wawe?
17
Uhoraho yakugiriye nk’uko yari yarabivugiye muri jewe. Akunyaze ingoma, ayiha mugenzawe Dawidi;
18
kuk’ utumviye Uhoraho, ntushitse uburake bgiwe bukaze ku Bamaleki; ni co kimuteye kukugenza artyo uyu musi.
19
Mbere mwe n’Abisirayeli Uhoraho azobagabura mu maboko y’Abafilisitiya; kand’ ejo mwe n’abahungu bawe muzoba mur’ aho ndi; Uhoraho agira agabure ingabo z’ Abisirayeli mu maboko y’Abafilisitiya.
20
Buno Sauli yikubita hasi, ararambarara, kukw aranduwe umutima n’ivyo Samweli amubariye; kandi na kare yar’ asanzwe adafise intege, kuko yari yiriwe ubusa kand’ akaburāra.
21
Maze nya mupfumukazi aza aho Sauli ari, abona ko yihebūye, aramubarira, ati Rāba jewe umuja wawe nakwumviye, mpeba amagara, nemera ivyo umbariye.
22
None rero ndakwinginze, nawe unyumvire, jewe umuja wawe, unyemerere ngire utwo nkuronderera, ufūngure, kugira ng’ usubiremw’ intege ubashe kugenda.
23
Aranka, at’ Eka singomba kurya. Arikw abantu biwe bo na nya mupfumukazi baramugōbēra, arabemerera, ava hasi, yicara ku buriri.
24
Kandi nya mupfumukazi yar’ afise imasa inuze mu ruhongore; aranyanyasa arayikerera, ahitana ifu, arayicumba ayironderamw’ umutsima utambiwe;
25
abihereza Sauli n’ abantu biwe, barafūngura. Maz’ iryo joro nyene barahaguruka, baragenda.
← Chapter 27
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 29 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31