bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Samuel 31
1 Samuel 31
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
1
Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.
2
Abafilisitiya bakinagiza Sauli n’abahungu biwe, bica Yonatani na Abinadabu na Milikishuwa abahungu biwe.
3
Urubgamba rusugereza Sauli, abanyamiheto bamushingiriza imyampi, bamurandura umutima.
4
Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra ngo zinsogote, zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.
5
Uno yamutwaza ibirwanishwa abonye ko Sauli apfuye, na we yīsuka kuri rwiwe, bagwa hamwe.
6
Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.
7
Maz’ ingabo z’Abisirayeli zo hakurya y’umwonga n’izo hakurya ya Yorodani, babonye kw Abisirayeli bahunze, kandi ko Sauli n’ abahungu biwe bapfuye, bata ibisagara vyabo, barahunga; Abafilisitiya baraza, baravyinjira.
8
Bukeye bgaho, Abafilisitiya baje gukoba imivyimba, basanga Sauli n’abahungu biwe batatu barambaraye ku musozi Gilibowa bapfuye.
9
Bamuca izosi, bamukoba ibirwanishwa, batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya iyo kiva kikagera, ngo bakwize inkuru mu nsengero z’ibigirwamana vyabo no mu bantu.
10
Ibirwanishwa vyiwe babishira mu rusengero rwa Ashitaroti, umuvyimba wiwe bawēnētsa ku ruzitiro rw’amabuye rw’igisagara c’i Beti‐shani.
11
Maz’ ab’i Yabeshi‐gileyadi bumvise ivy’ Abafilisitiya bagiriye Sauli,
12
abahizi bose barahaguruka, bagenda ijoro ryose, bamanura umuvyimba wa Sauli ku ruzitiro rw’i Beti‐shani, bo n’iy’ abahungu biwe; bashitse i Yabeshi bayituririraho.
13
Maze bābīra amagufa yabo, bayahamba musi y’igiti c’umwesheli i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31