bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Samuel 4
1 Samuel 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 5 →
1
Bukeye Abisirayeli batera Abafilisitiya, basagaza ahabangikanye n’i Ebenezeri; Abafilisitiya na bo basagaza kuri Afeka.
2
Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.
3
Maz’ ingabo zishitse mu nsago, abakuru bo mu Bisirayeli barabazanya, bati N’iki gitumye Uhoraho yemera ko tuneshwa uyu musi n’Abafilisitiya? Enda ni muze tuje kuzana isandugu y’isezerano ry’Uhoraho tuyikūre i Shilo, tuyizane hano, kugira ngo ni yashika muri twebge idutabare ububasha bg’abansi bacu.
4
Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.
5
Nukw iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho ishitse aho bashagaje, Abisirayeli bose baca biha akamo icarimwe, isi irāsīra.
6
Maz’ Abafilisitiya bumvise urwo rwamo, barabazanya, bat’ Urwo rwamo rwinshi ruri mu nsago z’Abaheburayo n’urw’ iki? Hanyuma bamenya kw ar’ isandugu y’Uhoraho ishitse mur’ izo nsago.
7
Maz’ Abafilisitiya baratinya, bat’ Imana irashitse mu nsago zabo! Bat’ Erega turapfuye! Nta ho twaribgabone nk’ivyo!
8
Eka turapfuye! Ni nde yodukiza akadukūra mu maboko y’izo mana zihambaye? Izo ni za mana zāzaniye Abanyegiputa ivyago bitari bimwe mu bugaragwa.
9
Ni mushikame, murwane magabo, yemwe Bafilisitiya, mwoye kuba abaja b’Abaheburayo, nk’uko bo ar’ abacu: nuko murwane magabo!
10
Nukw Abafilisitiya bashirako bararwana, maz’ Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira i we; haba agatikizo gakomeye: mu Bisirayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongwitatu.
11
Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.
12
Maz’ umuntu wo mu ba Benyamini ava mu rugamba, agenda yiruka, ashika i Shilo uwo musi, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe.
13
Kand’ aho yaza, Eli yari yicaye ku ntebe yiwe i ruhande y’inzira, ategereye agakuru, kuko yar’ ahagaritswe umutima n’isandugu y’Imana. Nuk’ uwo muntu ashitse mu gisagara, avuga inkuru z’ivyabaye; abo mu gisagara bose bacura umuborogo.
14
Maze Eli yumvise ijwi ry’amaborogo, arabaza, at’ Urwo rwamo n’urw’ iki? Nuk’ uwo muntu aza yirukanga, abibikira Eli.
15
Kandi Eli yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’umunani; amaso yiwe yar’ ahumye, ntiyar’ akibona.
16
Nuk’ uwo muntu abarira Eli, ati Ni jewe mvuye mu rugamba, nje mpunga mvuye mu ntambara uyu musi. Aramubaza, ati Vyagenze bite ga mwana wanje?
17
Iyo mbitsi iramwishura, it’ Abisirayeli batsinzwe n’ Abafilisitiya, habaye agatikizo gakomeye mu bantu; ba bahungu bawe bompi Hofuni na Finehasi bapfuye; kand’ isandugu y’Imana yafashwe mpiri.
18
Nukw amaze kuvuga ivy’ isandugu y’Imana, Eli ahanuka ku ntebe yiwe, agwa agaramye ku gikingi c’irembo, akenyura izosi, arahwera; kuko yar’ umutāma, kandi yari yiremereye. Yar’ amaze imyaka mirongwine ar’ umucamanza w’Abisirayeli.
19
Umukazana wiwe, muka Finehasi, yar’ afise inda, ari hafi yo kuvyara. Nuko yumvise izo nkuru yukw isandugu y’Imana yafashwe mpiri, kandi ko sebukwe n’ umugabo wiwe bapfuye, aca apfukama, aravyara, kukw ibise vyaciye bimufata.
20
Maz’ ari hafi yo gucīkāna, abagore bāri bamuhagaze i ruhande baramubarira, bati Rema, kuk’ uvyaye umuhungu! Ariko nta co yabishura, canke ngw anabibabare.
21
Yita uwo mwana Ikabodi; at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli. Icatumye avuga artyo n’ukw isandugu y’ Imana yafashwe mpiri, kandi n’ uko sebukwe n’umugabo wiwe bāpfuye.
22
Aravuga, at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli, kukw isandugu y’Imana ifashwe mpiri.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31