bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Song of Solomon 1
Song of Solomon 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 2 →
1
Indirimbo y’agaheta, ya Salomo.
2
N’unsomeshe ugusomana kw’ akanwa kawe: Kuk’ urukundo rwawe ari rwiza kurusha vino.
3
Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.
4
Mfata nkuje inyuma, twiruke. Umwami yanshikanye i kare: Tuzonezerwa, nawe uzoduhimbara. Tuzokwamamaza urukundo rwawe kurusha uko twokwamamaza vino: Urukundo bagukunda rurakubereye.
5
Ndirabura, ariko ndi mwiza, Mwa bakobga b’i Yerusalemu; Mmeze nk’amahema y’i Kedari, Nk’imikingo ya Salomo.
6
Ntimumpange amaso, kuko nirabura, Kukw izuba ari ryo ryanyirabuje. Abahungu ba mama bārandakiye, Banzigamishije imirima y’imizabibu, Arik’ urwanje ruzabibu sinaruzigamye.
7
Yewe, uwo umutima wanje ukunda, umbarire Ah’ uragira ah’ ari ho, N’ah’ uvyagiza mu mahodoka: None n’iki cotuma ngenda nk’uwitwikiriye mu maso, Nca i ruhande y’imikuku ya bagenzi bawe?
8
Asangw’ utahazi, yewe urusha abandi bagore akaranga, Jana inzira y’ibitungwa, Uragire imyagazi y’impene yawe i ruhande y’insago z’abungere.
9
Ewe mukunzi wanje, nakugereranije N’ifarasi yo mu zikwega imikogote ya Farawo.
10
Imisaya yawe itewe gushaza n’ibitsibo vy’umushatsi wawe, N’izosi ryawe rishazishijwe n’utugenegene tw’igiciro kinini.
11
Tuzogutsibira ibitsibo vy’izahabu, Birimw’ intabonwa z’ifeza.
12
Umwami akivyagiye, ari ku meza yiwe, Amavuta yanje yatanguye gutāmirana.
13
Umukunzi wanje ammereye nk’itu ry’isenga Riri hagati y’amabere yanje.
14
Umukunzi wanje ammereye nk’agati kitwa koferu gashuritse udushurwe tw’uturundo Kaba mu nzabibu zo muri Eni‐gedi.
15
Ereg’ uri mwiza, mukunzi wanje, n’ukuri uri mwiza pe; Amaso yawe asa n’inuma.
16
Ereg’ uri mwiza, mukunzi wanje, mber’ urahimbaye; Ikirwa cacu kigaranzuyek’ ubusaswa busha.
17
Imitambikwa y’ingoro yacu n’ibiti vy’amasederi, Ibishoro vyayo n’imiberoshi.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8