bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Song of Solomon 8
Song of Solomon 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
1
Iyaba wari nka musazanje, Yonse amabere ya mama! Ngusanze hanze nokugumbiriye: Ego me, nta n’uwongaya.
2
Nokujana, nkagushikana mu nzu ya mama, Mu nzu y’uwamvyaye. Nogusomya kuri vino ituriranije, No ku mazi y’amakomamanga yanje.
3
Ukuboko kwawe kw’ukubamfu kwonsegura, Ukuboko kwawe kw’ukuryo kwompfumbatira.
4
Ndabihanikirije, mwa bakobga b’i Yerusalemu mwe, Ntimunkomere umukunzi, ntimumukangure, Gushitsa ah’ avyigombeye.
5
Mbeg’ uriya mugeni ni nde, adūga avuye mu bugaragwa, Yegamiye umukunzi wiwe? Nagukanguye musi y’igiti c’umucungwa; Aho ni ho nyoko ibise vyamufatiye akuvyara, Ni ho uwakuvyaye yafatiwe n’ibise.
6
Nshira ku mutima wawe nk’ ikimenyetso, mbe nk’ikimenyetso ku kuboko kwawe: Kuk’ urukundo rufise inkomezi nk’urupfu, Ifuhe rinyinyaraye nk’i kuzimu; Ibirimi vyavyo ni nk’ibirimi vy’umuriro, N’urubeya rw’inkazi rw’ Uhoraho.
7
Amazi n’iyo yoba menshi ntiyozimya urukundo, N’inzūzi zuzuye ntizorurenga hejuru. Umuntu yotanga ivy’ afise vyose mu rugo rwiwe, ngw aje kugura urukundo, Yogawa rwose!
8
Dufise murumuna wacu mutoya, Atarasonga amabere. None tuzogira dute murumuna wacu Igihe azosabirwa?
9
Namb’ ameze nk’uruzitiro rw’amabuye Tuzomwubakak’ umutara w’ ifeza. Namb’ ameze nk’umuryango Tuzomukingishiriza imbaho z’amasederi.
10
Jeho nd’ uruzitiro rw’amabuye, kand’ amabere yanje ni yo minara yarwo: Mu maso y’umugabo wanje mmeze nk’ūronse amahoro.
11
Salomo yar’ afise uruzabibu i Bayali‐Hamoni; Yarusigaranye abarimyi; Umuntu wese muri bo yagerewe gutanga amahera y’ifeza igihumbi ku nzabibu zarwo.
12
Urwanje ruzabibu rwo, rur’ imbere yanje: Yewe Salomo, uzohabga ca gihumbi cawe, Kand’ ababungabunga inzabibu zarwo na bo bazohabga amajana abiri.
13
Yewe uba mu mirima, Abagenzi bateze amatwi ijwi ryawe: N’urinyumvishe nanje.
14
N’unyaruke, mukunzi wanje, Umere nk’ingeregere canke nk’umukangara w’impongo, Wo ku misozi ibakw imibavu.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8