bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Song of Solomon 7
Song of Solomon 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 8 →
1
Ewe kuntu uturenge twawe ari twiza mu nkweto zawe, ga mukobga w’umwami! Amatako yawe ameze nk’ utugenegene tw’utubuyenge Twabājwe n’intoke z’umuhinga.
2
Umukondo wawe umeze nk’ agakombe kiburungushuye, Kataburamwo vino ituriranije. Iboco ryawe risa n’ikibeya c’ingano Gikikijwe ibirungu.
3
Amabere yawe yompi ameze nk’ivyagazi bibiri Vy’amahasa y’ingeregere.
4
Izosi ryawe rimeze nk’umunara wubakishijwe amahembe y’inzovu; Amaso yawe asa n’ibidengeri vy’i Heshiboni, biri kw irembo ry’i Bati‐Rabimu; Izuru ryawe rimeze nk’umunara w’i Lebanoni, Irābana n’i Damasiko.
5
Umutwe wawe wemye nk’i Karumeli, Umushatsi wo ku mutwe wawe umeze nk’impuzu y’inyambarabami; Umwami n’imbohe y’ibitsibo vyawo vyamuciye agatēte.
6
Ewe kuntu uri mwiza kand’ uteye igomwe, Yewe uwo nkunda ukampimbara!
7
Uburebure bgawe buri hano ni nk’ikigazi, N’amabere yawe ameze nk’ imisoko yo kuri co.
8
Naravuze, nti Hinge nūrire ico kigazi, Mfate amashami yaco: Amabere yawe n’abe nk’ inzabibu zo ku muzabibu, Ubgaku bg’impwemu zawe bumote nk’amacungwa;
9
N’akanwa kawe kamere nka vino irushirije kuba nziza, Ishōka neza ica mu minwa y’abasinziriye.
10
Nd’ uw’ umukunzi wanje, Na we ndamuteye igomwe.
11
Ngwino mukunzi wanje, dusohoke tuje ku gahinga, Twake indāro mu mihana.
12
Tuzinduke mu mirima y’imizabibu, Turābe kw imizabibu ipfunditse, canke kw amashurwe yayo asambuye, N’amakomamanga kw ashuritse; Aho ni ho nzokwerekera urukundo ngufitiye.
13
Amadudayimu aratāmirana; Kw irembo ryacu har’ ivyamye vy’igiciro vy’imyuga myinshi, bisha bo n’ivya kera, Ivyo nakuziganirije, ewe mukunzi wanje.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8