bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 1
Mark 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 2 →
1
Itanguriro ry’ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, Umwana w’Imana.
2
Nk’uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana, Ng’ Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira.
3
Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore iz’ ibihamo ziwe.
4
Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha.
5
Igihugu c’i Yudaya cose n’ab’i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we: ababatiriza mu ruzi Yorodani, bātuye ivyaha vyabo.
6
Kandi Yohana yambara ubgoya bg’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubūki bgo mw ishamba.
7
Yaravuga, at’ Ūndusha ubushobozi azoza mu nyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’inkweto ziwe.
8
Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera.
9
Mur’ iyo misi Yesu ava i Nazareti i Galilaya, araza, abatizwa na Yohana muri Yorodani.
10
Avuye mu mazi, aca abona ijuru ritandukanye, Mpwemu aramanuka amugwako, asa n’inuma.
11
Ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.
12
Mpwemu aca amushorera mu bugaragwa.
13
Amaray’ imisi mirongwine, ageragezwa na Satani; kandi yaba hamwe n’ibikōko, abamarayika bakamukorera.
14
Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana,
15
at’ Igihe kirashitse, ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.
16
Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona Simoni na Andereya mwene nyina baterera urusenga mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.
17
Yesu arababarira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu.
18
Baca bareka insenga, baramukurikira.
19
Yīgiye imbere gato, abona Yakobo mwene Zebedayo na Yohana mwene nyina, na bo bari mu bgato basana insenga.
20
Aca arabahamagara, basiga se Zebedayo mu bgato hamwe n’abakozi biwe, baramukurikira.
21
Bashika i Kaperinawumu, aca yinjira mw isinagogi kw isabato, arabigisha.
22
Batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe.
23
Uwo mwanya mw isinagogi yabo hār’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ihumanye, arasemerera,
24
ati Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana.
25
Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo.
26
Iyo mpwemu ihumanye iramujegeza, irasemerera, ivuga n’ijwi rirenga, imuvamwo.
27
Bose baratangara, bituma babazanya, bat’ Iki n’iki? N’ukwigisha gusha! N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira.
28
Inkuru yiwe ica ikwira hose mu gihugu cose c’i Galilaya kihakikije.
29
Bavuye mw isinagogi, baca bajana na Yakobo na Yohana mu nzu kwa Simoni na Andereya.
30
Kandi inabukwe wa Simoni yar’ aryamye, afashwe n’umururumbo, baca bamubarira ivyiwe.
31
Araza, amufata ukuboko, aramuvyutsa, umururumbo urazima, arabazimana.
32
Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni.
33
Igisagara cose gikoranira kw irembo.
34
Akiza benshi bāri barwaye indwara zitari zimwe, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bāri bamuzi.
35
Mw ijoro rishīra ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo.
36
Simoni n’abandi bāri kumwe na we baramukurikira:
37
bamubonye baramubgira, bati Bose bariko barakurondera.
38
Arabishura, ati Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo, kukw ari co canzanye.
39
Yinjira mu masinagogi yabo i Galilaya hose, avuga ijambo ry’Imana, asenda abadayimoni.
40
Haza umunyamibembe kuri we, amwinginga amupfukamiye, at’ Ukunze, woshobora kumpumanura.
41
Amugirira akagongwe, aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.
42
Imibembe ica imuvako, arakira.
43
Aramwihanikiriza rwose, aca amurungika uwo mwanya,
44
aramubarira, ati Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona.
45
Maz’ avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atābaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, arikw aguma inyuma yaco mu gahinga: abava hose baza kuri we.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16