bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 3
Mark 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
1
Yongera kwinjira mw isinagogi; kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko;
2
baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege.
3
Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati.
4
Arababaza, ati Mbeg’ ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato canke n’ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica? Barihorera.
5
Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira.
6
Abafarisayo barasohoka, baca bamugīra inama n’abantu ba Herode ngo babone ingene bomwica.
7
Maze Yesu n’abigishwa biwe bavayo, baja ku kiyaga: ishengero ryinshi riramukurikira, bavuye i Galilaya n’i Yudaya
8
n’i Yerusalemu no muri Idumaya no hakurya ya Yorodani, n’abahereranye no muri Tiro n’i Sidoni, ishengero ryinshi ryumvise ivyo yakoze riza kuri we.
9
Abarira abigishwa biwe ngo bagumishe ubgato butoya hafi kubg’ ishengero, ngo ntirimubānde.
10
Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko.
11
Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera zit’ Ur’ Umwana w’Imana.
12
Arazihanikiriza cane, ngo ntizigende ziramwandagaza.
13
Maz’ adūga umusozi muremure, ahamagara abo agomba, baza kuri we.
14
Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngw abatume kwigisha,
15
no kugira ububasha bgo gusenda abadayimoni.
16
Nukw atoranya aba cumi na babiri: Simoni, amwita Petero;
17
atoranya na Yakobo mwene Zebedayo, na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngw Abana b’inkuba;
18
atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo,
19
na Yuda Isikaryota, ni we yamuguze. Aja mu nzu:
20
ishengero ryongera gukoranira kuri we, bituma babura ingene botamira n’agatsima.
21
Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze.
22
Kand’ abanyabgenge b’ivyanditswe bavuye i Yerusalemu baravuga, bat’ Arimwo Beyezebuli: kandi bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni.
23
Arabahamagara, abacira umugani, ati Satani yoshobora ate gusenda Satani?
24
Ubgami iyo bgitandukanije ubgabgo, ubgo bgami ntibushobora kurama.
25
Inzu ni yitandukanya ubgayo, iyo nzu ntizoshobora kurama.
26
Kandi Satani, namba yīhagurukiye, akitandukanya, ntashobora guhangama, arahera.
27
Kandi nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y’umuntu w’inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maz’ akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe.
28
Ndababgire ukuri: Abana b’abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n’ibirogotano vyose bazorogota,
29
arik’ umuntu wese azorogota kuri Mpwemu Yera nta ho azoharirwa, kand’ azoba akoze icaha c’ibihe bidashira.
30
Icatumye avuga artyo n’uko bavuze ngw Arimw’ impwemu ihumanye.
31
Maze nyina na bene nyina baraza, batuma kumuhamagara, bahagaze hanze.
32
Ishengero ryari ryicaye rimukikije; maze baramubgira, bat’ Ereg’ umuvyeyi wawe na barumuna bawe bari hanze, barakurondera.
33
Na we arababaza, ati Mama ni nde, canke bene mama ni ba nde?
34
Yeraguza amaso abari bicaye impande zose bamukikije, ati Ngaba mama na bene mama:
35
umuntu wese akora ivyo Imana igomba ni we murumunanje, ni we mushikanje, ni we mama.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16