bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 8
Mark 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 9 →
1
Mur’ iyo misi hongera kuba ishengero ryinshi, babura ivyo kurya; ahamagara abigishwa, arababarira,
2
at’ Ishengero rinteye akagongwe, kuk’ uyu ar’ umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya.
3
Nobasezera ngo basubire i wabo bashonje, bogwira isari mu nzira, kandi bamwe ar’ aba kure.
4
Abigishwa biwe baramubaza, bat’ Umuntu yokūra hehe imitsima yo guhāza aba bantu, ko hano ari mu gahinga?
5
Arababaza, ati Mufise imitsima ingahe? Na bo bati N’indwi.
6
Abarira ishengero ngo ryicare hasi; yābīra ya mitsima ndwi, arayishimira, arayimanyagura, ayihēreza abigishwa biwe, ngo bayibagaburire: bayigaburira ishengero.
7
Kandi bāri bafise udufi duke; araduhezagira, avuga ko batubagaburira na two.
8
Bararya, barahāga, batororokanya utumanyagu tw’imisigazwa, twuzura ibivumvu ndwi.
9
Bāri nk’ibihumbi bine; arabasezera.
10
Uwo mwanya atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, aja ahēgereye i Dalamanuta.
11
Haza Abafarisayo, batangura kumuhāririza, bamuronderakw ikimenyetso kiva mw ijuru, bamugeza.
12
Yitsa umutima cane, ati N’iki gitumye ab’iki gihe barondera ikimenyetso? Ndababgira ukuri ab’iki gihe bakazohabga ikimenyetso?
13
Abasiga hano, yongera gutambukira mu bgato, ajabuka hakurya.
14
Kandi bāri bibagiye gutekera imitsima, nta yo bāri bafise mu bgato, atar’ irobe rimwe.
15
Arabihanikiriza, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’umwambiro wa Herode.
16
Bībūranya muri bo, bati Ntidufise imitsima.
17
Yesu arabimenya, arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ngo nta mitsima mufise? Ntimuraruha mubimenya canke mubitahura? Mbega mufise imitima ikomantaye?
18
Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva, kandi ntimwibuka?
19
Hamwe namanyagurira ya mitsima itanu ibihumbi bitanu, mwatororokanije ibisimbo bingahe vyuzuye utumanyagu? Baramwishura, bati N’icumi na bibiri.
20
Ati Kandi hamwe namanyagurira ya mitsima ndwi ibihumbi bine, mwatororokanije ibivumvu bingahe vyuzuye utumanyagu? Baramwishura, bati N’indwi.
21
Arababaza, ati Ntimuraruha mubitahura?
22
Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngw ayikoreko.
23
Afata iyo mpumyi ukuboko, ayikūra mu mihana, acira amate mu maso yayo, ayirambikakw ibiganza, arayibaza, ati Har’ ico ubona?
24
Iraramura amaso, iramwishura, iti Ndabona abantu kuko mbona ibisa n’ibiti bigendagenda.
25
Yongera kurambika ibiganza ku maso yayo, iritegereza, irakira, yihweza vyose neza.
26
Amurungika i we, ati Ntuje no mur’ iyi mihana.
27
Yesu avanayo n’abigishwa biwe, aja mu mihana y’i Kayisariya mu bga Filipo: bari mu nzira, abaza abigishwa biwe, at’ Abantu bagira ngo ndi nde?
28
Baramwishura, bati Bagira ng’ uri Yohana Umubatizi, abandi ng’ uri Eliya, abandi ng’ ur’ umwe mu bavugishwa n’Imana.
29
Na we arababaza, at’ Ariko mweho mugira ngo ndi nde? Petero aramwishura, at’ Uri Kristo.
30
Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babgira ivyiwe.
31
Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.
32
Avuga iryo jambo adakingitiranije. Petero aramwihererana, atangura kumwāmira.
33
Arahindukira, abona abigishwa biwe, akankamira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ariko n’ivy’ abantu.
34
Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire;
35
kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje no kubg’ ubutumwa bgiza, azobukiza.
36
Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubugingo bgiwe kw iciru?
37
Mbeg’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?
38
Kuk’ umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje mur’ iki gihe c’ubusambanyi kandi c’ikinyavyaha, n’Umwana w’umuntu bizomutera isoni kumwemera, ah’ azozira afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika bera.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16