bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 14
Mark 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 15 →
1
Hāri hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barondera uburyo bgo gusuka Yesu ngo bamufate bamwice:
2
kuko bāvuga, bati Ntitumufate mu misi mikuru, abantu bogūmūka.
3
Ar’i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, yicaye arikw ararya, haza umugore afise ikebano ry’amavuta atāmirana, y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada: amena iryo kebano, amavuta ayamusuka ku mutwe.
4
Bamwe muri bo barītonganya, bati Mbeg’ ubu buhombe bg’aya mavuta n’ubg’ iki?
5
Kuko yoshoboye kugurwa idenariyo amajana atatu arenga, zigahabga aboro: baramwidodombera.
6
Yesu arababarira, ati Ni mumureke! Mumubabariza iki? Ankoreye igikorwa ciza.
7
Aboro murāmana imisi yose; aho mwogombera mwobagirira neza; ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.
8
Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba.
9
Ndababgire ukuri: Ah’ ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.
10
Kandi Yuda Isikaryota, yar’ umwe muri bamwe cumi na babiri, aja ku baherezi bakuru, ngw az’ amubaronkere.
11
Bavyumvise baranezerwa, basezerana kumuha amahera y’ifeza. Arondera uburyo bgo kumubaronkera.
12
Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe, uwo bābāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika, abigishwa biwe baramubaza, bat’ Ugomba ko twoja hehe gutegura ivya Pasika ng’ ubirye?
13
Atuma babiri mu bigishwa biwe, arababarira, ati Ni muje mu gisagara, umugabo muribuhūre yikoreye umubindi w’amazi mumukurikire.
14
Ah’ aja kwinjira mubgire nyen’ urwo rugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro yiwe iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe?
15
Ubgiwe aribubereke inzu nini yo hejuru, isēzeye, iteguritse; abe ari yo muduteguriramwo.
16
Ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara, babisanga uko yabibabariye: bategura ivya Pasika.
17
Bugorovye azanana na bamwe cumi na babiri.
18
Bicaye bariko bararya, Yesu arababgira, ati Ndababgire ukuri: Umwe muri mwebge, uwo dusangira, agira angure.
19
Batangura kubabara, bamubaza umwe‐umwe, bati Mbega ni jewe?
20
Arabishura, at’ Umwe muri mwebge cumi na babiri, uwo turiko turakoreza amaboko rimwe mu mubehe, ni we.
21
Umwana w’umuntu agira agende uko vyanditswe kuri we: arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.
22
Maze bariko bararya, yābīra umutsima; awuhezagiye arawumanyagura, arawubaha, ati Ni mwābīre, uyu n’umubiri wanje.
23
Yābīra igikombe; agishimiye Imana arakibaha, bakinywerako bose.
24
Arababarira, at’ Ico n’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi.
25
Ndababgire ukuri: Sinzokwongera kunywa ku nzabibu, gushitsa kuri wa musi nzonywera umutobe wazo musha mu bgami bg’Imana.
26
Bahejeje kuririmba, barasohoka, baja ku musozi wa Elayono.
27
Maze Yesu arababgira, ati Mwese muhava mutsitazwa: kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama zisanzare.
28
Ariko ni namara kuzurwa, nzobītangira imbere kuja i Galilaya.
29
Maze Petero aramubgira, ati N’iyo vyotsitaza bose, urakūra jeho.
30
Yesu aramubgira, ati Ndakubgira ukuri yuko wewe ubgawe uyu musi mur’ iri joro nyene, inkoko itaragereka uhava unyihakana gatatu.
31
Arikw arīhanukīra cane, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abandi na bo bavuga bartyo bose.
32
Maze bashika ahantu hitwa i Getsemane, abarira abigishwa biwe, ati Ba muricaye hano, mbanze nje gusenga.
33
Ajana Petero na Yakobo na Yohana, atangura kwumirwa no guhagarika umutima cane.
34
Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica; ba muragumye hano, mube maso.
35
Yunguruza imbere gatoya, yubama hasi arasenga ngw ico gihe kimurengāne, asangwa bishoboka.
36
Ati Abba, Data, vyose biragushobokera: kūra iki gikombe kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.
37
Aragaruka, asanga basinziriye, abaza Petero, ati Simoni, urasinziriye? Nturushe uba maso n’isaha n’imwe?
38
Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.
39
Yongera kugenda, arasenga, avuga amajambo amwe n’aya mbere.
40
Yongera kugaruka, asanga basinziriye, kukw amaso yabo yar’ aremerewe cane, ntibāmenya ico bamwishura.
41
Agaruka ubugira gatatu, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke: biraheze. Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.
42
Ni muvyuke, tugende: eh’ ūnguze ari hafi.
43
Buno nyene akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe.
44
Arik’ ūmugura yari yabahaye ikimenyetso, at’ Uwo nja gusoma azoba ari we, mumufate, mumujane mumugumije.
45
Ashitse, aca aramwēgēra, ati Mwigisha: maz’ aramusomagura.
46
Bamushōrerakw amaboko, baramufata.
47
Maz’ umwe mu bahagazeho asokora inkota, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
48
Yesu arababaza, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri?
49
Ko nāmana namwe mu rusengero nigisha imisi yose, ntimumfate: arikw ibi bibaye kugira ngw ivyanditswe bishike.
50
Maze bose baramuta barahunga.
51
Kand’ umuhungu umwe w’umusore amuja inyuma, yikuvyekw impuzu imwe gusa, baramufata:
52
abatāna impuzu yiwe, ahunga amēnya.
53
Bajana Yesu ku muherezi mukuru, abaherezi bakuru bose n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoraniraho.
54
Petero amuja inyuma barenga arenguka, ashika imbere mu rugo rw’umuherezi mukuru; yicarana n’abagendanyi yota umuriro.
55
Maz’ abaherezi bakuru n’abashingantahe b’amakombe bose baronderera Yesu ibirego vyomwicisha, barabibura.
56
Nah’ abāmurega ibinyoma bāri benshi, ibirego vyabo ntivyari bihūye.
57
Bamwe bava hasi, baramubeshera,
58
bati Twebge twaramwumvise avuga, ati Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’intoke nubake urundi mu misi itatu, rutubatswe n’intoke.
59
Ariko na ho nyene amagambo yabo ntiyar’ ahūye.
60
Umuherezi mukuru arahaguruka, ahagarara hagati, abaza Yesu, ati Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?
61
Arihorera, ntiyamwishura na rimwe. Umuherezi mukuru yongera kumubaza, ati Ni wewe Kristo, Umwana w’Īshimwa?
62
Yesu aramwishura, ati Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, azananye n’ibicu vyo kw ijuru.
63
Maz’ umuherezi mukuru yitantamurirakw imyambaro yiwe, aravuga, ati Turacaronderera iki ivyabona?
64
Murīyumviye ingen’ arogose: mugira ngw iki? Bose bamucira urubanza ngw akwiye gupfa.
65
Bamwe batangura kumuvuma amate, bamupfuka mu maso, bamukubita ibipfunsi, bati N’udupfīndūre. Abagendanyi bamushikizakw inshi.
66
Petero akiri mu rugo ahahera hepfo, haza umwe mu ncoreke z’umuherezi mukuru,
67
abonye Petero yota umuriro, aramwitegereza, aramubgira, ati Nawe nyene mwari kumwe na wa Munyanazareti Yesu.
68
Na we arabihakana, ati Sinzi ico uvuze, singitahuye. Maz’ arunguruza, ashika mu bikingi vy’irembo; inkoko irabika.
69
Ya ncoreke imubonye, itangura kwongera kubgira abahagazeho, it’ Uyu n’uwo muri bo.
70
Na we yongera kubihakana. Maze hahise akanya, abahagazeho bongera kubgira Petero, bati N’ivy’ ukuri ur’ uwo muri bo, bitayeko ur’ Umunyagalilaya.
71
Na we atangura kurahira arīsiba, at’ Uyo muntu muvuga sindanamuzi.
72
Uwo mwanya inkoko ibika ubugira kabiri. Petero yibuka rya jambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itaragereka, uja kunyihakana gatatu; avyiyumviriye, ararira.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16