bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 11
Mark 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 12 →
1
Bageze hafi y’i Yerusalemu, bashikira i Betifage n’i Betaniya ku musozi wa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa biwe,
2
arababarira, ati Muje mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu; ni mwayishikamwo, muca mubona inyana y’indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako: muyiziture muyizane.
3
Kandi ni hagira ūbabaza, at’ Ivyo mubikoreye iki? Mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba. Uwo mwanya arayirungika ino.
4
Baragenda, basanga inyana y’indogoba iziritse i ruhande y’irembo ku nzira, barayizitura.
5
Bamwe mu bahahagaze barababaza, bati Mukora iki ko muzitura iyo nyana?
6
Na bo babishura nk’uko Yesu yababariye: barabareka.
7
Bazana iyo nyana aho Yesu ari, bayishirakw impuzu zabo, ayicarako.
8
Benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi basasa amashami y’ibiti, ayo baciye mu matongo.
9
Abar’ imbere yiwe n’abamukurikiye barasemerera, bati Hoziyana, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho,
10
ubgami buje bushimwe, ni bgo bga sogokuruza Dawidi; Hoziyana mw ijuru.
11
Ashika i Yerusalemu, yinjira mu rusengero, maz’ ahejeje kweraguza vyose, kuko bgari bugorovye, arasohoka, aja i Betaniya, ajanye na bamwe cumi na babiri.
12
Bukeye bamaze kuva i Betaniya, yumva arashonje.
13
Akiri kure, abona umusukoni urikw amababi, arawēgēra ngo kumbure yogira ic’ awusangako: awushitseko ntiyagira ic’ awubonako, atar’ amababi: kuko kitār’ igihe co kwama c’umusukoni.
14
Arawubgira, ati Ntugapfe har’ ūriye ku nsukoni zawe uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. Abigishwa biwe baravyumva.
15
Bashika i Yerusalemu. Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo n’abaruguriramwo, ahenura ameza y’abāvunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma,
16
ntiyakundira umuntu n’umwe guhita mu rusengero atwaye ikintu co mu mbombovu.
17
Arigisha arababgira, ati Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.
18
Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bāmutinya, kukw abantu bose batangazwa n’inyigisho ziwe.
19
Iyo bugorovye, yama ava mu gisagara.
20
Bukeye kare‐kare bariko barahita babona wa musukoni, wahereye ku mizi wakabiranye.
21
Petero yibutse aramubgira, ati Mwigisha, ehe wa musukoni wavumye wakabiranye.
22
Yesu aramwishura, arababgira, ati Mwamane ukwizera Imana.
23
Ndababgira ukuri yuk’ umuntu wese yobgira uyu musozi, ati Shingūka utabge mu kiyaga: ntabikekeranye mu mutima, arikw akizera yukw ico avuze gikorwa, azokibona.
24
Ni co gitumye mbabgira yukw ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona.
25
Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba har’ ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu: [
26
ariko ni mutāharira abandi, na So wo mw ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu.]
27
Bongera kuja i Yerusalemu. Akigendagenda mu rusengero, abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe baza kuri we,
28
baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Canke ni nde yaguhaye ubgo bubasha bgo kubikora?
29
Yesu arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe, munyishure; mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo.
30
Non’ ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw ijuru, canke se mu bantu? Ni munyishure.
31
Bībūranya muri bo, bati Ni twavuga tuti Ni mw ijuru; ahava atubaza, ati N’iki cababujije kumwemera?
32
Ariko mbega tuvuge tuti Ni mu bantu? Batinya abantu, kuko bose biyumvira badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.
33
Bishura Yesu, bati Ntituhazi. Yesu arababgira, ati Nuko rero nanje simbabgira ububasha bunkoresha ivyo.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16