bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 13
Mark 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
1
Arikw arasohoka mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mwigisha, rāba aya mabuye ukw ari, n’iyi nyubako ukw iri!
2
Yesu aramubaza, at’ Urarāba iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.
3
Yicaye ku musozi wa Elayono yerekeye ku rusengero, Petero na Yakobo na Yohana na Andereya baramubaza bihereranye,
4
bati Tubgire, ivyo bizobaho ryari, ikimenyetso kizoba iki, c’igihe ivyo vyose bizoba bigira bishike?
5
Yesu atangura kubabgira, ati Mwirinde ntihagire ūbazimiza.
6
Benshi bazoza mw izina ryanje, bati Ndi we; kandi bazozimiza benshi.
7
Kandi ni mwumva intambara n’impuha z’intambara, ntimuze muhagarike imitima: ntibizobura kubaho, arik’ umuhero uzoba utaraza.
8
Kukw ihanga rizotera irindi hanga, n’ubgami buzotera ubundi bgami, isi izonyiganyiga henshi, amapfa azotera. Ivyo n’itanguriro ryo kuramukwa.
9
Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza, muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y’abaganza n’abami babampōra, mube ikimenyetso kibabere icabona.
10
Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose.
11
Kandi ni babajana babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muzovuga; ico muzohabga cose mur’ ako kanya, muze mube ari co muvuga: kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari Mpwemu Yera.
12
Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.
13
Muzoba mwanswe na bose, babahōra izina ryanje: arik’ uwihangana, agashitsa iherezo, ni we azokira.
14
Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,
15
ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no kwinjira gusahura ikintu cose mu nzu yiwe:
16
ūzoba ari mu mirima ntaz’ asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe.
17
Ariko mur’ iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara:
18
kandi muze musenge kugira ngo ntibize bibe mu rushana.
19
Kukw iyo misi izoba iy’ amarushwa atigeze kubaho, kuva kw itanguriro ry’ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n’ubu, kand’ atazokwongera kubaho.
20
Iyaba Umwami Imana itogeruye iyo misi, ntihorokotse umuntu n’umwe, ariko kubg’ abatoranijwe yatoranije, yarayigeruye.
21
Ico gihe ni hagira umuntu ababgira, at’ Ehe Kristo ari hano; cank’ at’ Ari hariya: ntimuze muvyemere.
22
Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe, ni vyashoboka.
23
Ariko mweho mwiyubare: rāba ndabibabgiye vyose bitaraba.
24
Ariko mur’ iyo misi, hanyuma y’ayo marushwa, izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo,
25
n’inyenyeri zizoba ziriko zirakoragurika ziva kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.
26
Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu, ari n’ububasha bginshi n’ubgiza.
27
Ni ho azotuma abamarayika, akoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra ku mpera y’isi kugeza impera y’ijuru.
28
Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi:
29
nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi.
30
Ndababgire ukuri: Ab’iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika.
31
Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.
32
Arik’ uwo musi cank’ iyo saha, nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’ Umwana w’Imana, atari Data gusa.
33
Mwiyubare, mube maso, musenge; kuko mutazi igihe bizoshikira.
34
Ni nk’umuntu yasize urugo rwiwe, aja mu kindi gihugu, asigarana abashumba biwe urugo, kand’ ahejeje kugerera umuntu wese igikorwa ciwe, abarira umuteramyi ngo yame agavye.
35
Nuko mwame mugavye, kuko mutazi igihe nyen’ urugo azozamwo, namb’ ari ku mugoroba, canke mu gicugu, canke mu nkoko, cank’ umutwenzi ukītse:
36
kugira ngo ni yaza giturumbuka, ntasange musinziriye.
37
Arikw ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16