bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 15
Mark 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 16 →
1
Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.
2
Pilato aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda? Na we aramwishura, at’ Urarivuze.
3
Abaherezi bakuru bamurega vyinshi.
4
Pilato yongera kumubaza, ati Nta co wiregura? Umve ivyo bakwagiriza ingen’ ari vyinshi.
5
Maze Yesu ntiyasubira kwishura ijambo na rimwe, bituma Pilato atangara.
6
Mur’ iyo misi mikuru yahora abarekurira imbohe imwe, uwo bamusavye.
7
Hārih’ umwe yitwa Baraba, yabohanywe n’abāgararije, bishe abantu mur’ ukwo kugarariza.
8
Ishengero riradūga, ritangura gusaba kw abagirira nk’uko yamenyereye.
9
Pilato arababaza, ati Muragomba ko mbarekurira Umwami w’Abayuda?
10
Kuko yamenye yukw ishari ari ryo ryatumye abaherezi bakuru bamutanga.
11
Maz’ abaherezi bakuru bosha ishengero gusaba ngw ivyoba vyiza abarekurire Baraba.
12
Pilato yongera kubabaza, ati Non’ uwo mwita Umwami w’Abayuda, we ndamugire nte?
13
Bongera kuyogora, bati Mubambe.
14
Pilato arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Maze barushiriza kuyogora cane, bati Mubambe.
15
Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maz’ atanga Yesu ngw abambge, amaze kumutonagura.
16
Maz’ abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana.
17
Bamwambika impuzu y’ishigisha, batsiba igitsibo c’amahwa, bakimwambika mu mutwe;
18
batangura kumuramutsa, bati Ndagize bgakeye, Mwami w’Abayuda.
19
Bamukubita irenga mu mutwe, bamuvuma amate, barapfukama, bamukomera amashi.
20
Bamaze kumucurīra, bamwambura ya mpuzu y’ishigisha, bamwambika iziwe mpuzu, bamurengana irembo bamushoreye kumubamba.
21
Bafata umuntu ahita, Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, ni se wa Alekisandero na Rufo, ngw amutwaze umusaraba.
22
Bamushikana ahitwa i Gologota, risobanurwa ngw Ahantu h’agahanga.
23
Bamuha vino ivanze n’umuti w’umururazi, ntiyayinywa.
24
Baramubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira, ngo bamenye iyo umuntu wese atwara.
25
Igihe bāmubamba zar’ isaha zitatu.
26
Icandiko c’ikirego candikwa hejuru yiwe ng’ UMWAMI W’ABAYUDA.
27
Kandi babambana na we abambuzi babiri, umwe i buryo bgiwe, uwundi i bumoso. [
28
Nukw ivyanditswe birashika, ngo Yaharūranywe n’abanyavyaha.]
29
Abahahita baramucurīra, bazunguza imitwe, bati Yō, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu,
30
ni wikize, wimanure ku musaraba.
31
N’abaherezi bakuru bamucurīra bartyo, banwengurana n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bati Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza:
32
Kristo Umwami w’Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene, tubibone twizere. N’abāri babambanywe na we na bo baramutuka.
33
Maz’ isaha zitandatu zishitse, ubgīrakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw isaha y’icenda.
34
Kw isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati Eloi, Eloi, lama sabakatani? Risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?
35
Maze bamwe mu bahahagaze bavyumvise baravuga, bat’ Umve, ahamagaye Eliya.
36
Umwe arirukanga, yābīra sipongo, ayuzuza inkarisha, ayirungikisha irenga; arayimusomesha, ati Hinge turābe ko Eliya yoza kumubambūra.
37
Maze Yesu avuga n’ijwi rirenga, aracīkāna.
38
Igihuzu gikīngiriza ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi.
39
Umugabisha w’abasoda ijana yar’ ahahagaze bahanganye, abonye acīkānye artyo, aravuga, ati N’ivy’ ukuri, uyu muntu yar’ Umwana w’Imana.
40
Hāriho n’abagore bāri kure babirāba, muri bo hārimwo Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hārimwo na Salome.
41
Abo bagore, aho yaba i Galilaya, bāramukurikira bakamukorera: kandi hāriho n’abandi bagore benshi bāri badūganye na we i Yerusalemu.
42
Bugorovye, kuko war’ umusi wo Kwitegura, ni wo musi utangurira isabato,
43
haza Yosefu w’i Arimataya, umunyekombe w’icubahiro, kandi na we yar’ areretse ubgami bg’Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.
44
Ariko Pilato biramutangaza ko yoba amaze gupfa; ahamagaza wa mugabisha w’abasoda, amubaza yukw amaze umwanya apfuye.
45
Maze yumvise ivy’ uwo mugabisha amubgiye, aha Yosefu ikiziga.
46
Agura impuzu yera, arakibambūra akizingira mur’ ino mpuzu, agishira mu mva yimbge mu bitandara, atembagaza ikibuye acugaza umuryango w’imva.
47
Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yose babona ah’ ahambge.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16