bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 16
Mark 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
1
Maz’ isabato ishize, Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusīga.
2
Kandi mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi barazinduka, bashika ku mva izuba rimennye ijuru.
3
Barabazanya, bati Ni nde adutembagariza ikibuye co ku munwa w’imva?
4
Maze bunamuye amaso babona ca kibuye catembagajwe cavuyeho, kandi cari kinini cane.
5
Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw’i buryo, yambaye imvune yera, barūmirwa cane.
6
Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize!
7
Ariko ni mugende mubgire abigishwa biwe na Petero, mut’ Arabītangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk’uko yababgiye.
8
Bava mu mva, barahunga, kuko bari bafashwe n’agatengo n’akumiza, maze ntibāgira ico babgira umuntu n’umwe, kuko batinye. [
9
Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi.
10
Uwo aragenda, abibarira abābana na we, asanga bababaye barira.
11
Na bo bumvise kw ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibāvyemera.
12
Hanyuma y’ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi.
13
Na bo nyene baragenda, babibgira abasigaye, maze ntibābemerera na bo.
14
Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.
15
Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.
16
Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.
17
Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;
18
bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.
19
Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.
20
Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16