bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Mark 2
Mark 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
1
Hashize imisi, asubira i Kaperinawumu, bimenyekana kw ari mu nzu.
2
Bakoraniraho benshi, ntibakwirwa mu nzu, eka n’imbere y’umuryango hose; ababgira ijambo ry’Imana.
3
Haza abazanye ikimuga, bagiteruye ari bane.
4
Babuze ingene bamushikīra kubg’ ishengero, basambura inzu hejuru y’ah’ atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamw’ inderuzo, iryamyemw’ ico kimuga.
5
Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.
6
Ariko hārih’ abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe bicayeho, bībūranya mu mitima,
7
bati N’iki gitumye uyo avuga artyo? Ararogose: ni nde ashobora guharira ivyaha, atar’ umwe, ni we Mana?
8
Yesu amenye mu mutima wiwe yuko bībūranya muri bo bartyo, aca arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ivyo mu mitima yanyu?
9
Icoroshe n’ikihe, n’ukubarira ikimuga, nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukukibarira, nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende?
10
Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — abgira ikimuga,
11
ati Ndakubariye nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.
12
Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose: nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana, bati Ntitwaribgabone ben’ ibi.
13
Arasohoka, yongera kuja i ruhande y’ikiyaga: ishengero ryose riza kuri we, arabigisha.
14
Nukw arikw aragenda abona Lewi mwene Alufayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.
15
Kandi yicaye mu nzu y’uwo, arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha basangira na Yesu n’abigishwa biwe: bāri benshi, kandi bāramukurikira.
16
Abanyabgenge b’ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n’abanyavyaha n’abatozakori babgira abigishwa biwe, bati Mbega kw asangira n’abatozakori n’abanyavyaha!
17
Yesu avyumvise, arababgira, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
18
Kand’ abigishwa ba Yohana bo n’Abafarisayo bāri bisonzesheje. Baraza, baramubaza, bati N’iki gituma abigishwa ba Yohana n’abigishwa b’Abafarisayo bisonzesha, abigishwa bawe ntibisonzeshe?
19
Yesu arababaza, ati Mbeg’ abātowe bokwisonzesha bate, bakiri kumwe n’umukwe? Umukwe akiri kumwe na bo ntibashobora kwisonzesha.
20
Har’ imisi izoza, umukwe akūrwe muri bo, bazoca bisonzesha uwo musi.
21
Nta wobarīra ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire; kukw ico kiremo coyitabura, igisha kikavana n’umushire, ikarushiriza gutabuka.
22
Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, vino n’imikuza bigapfana. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha.
23
Kandi kw isabato, agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bakigenda batangura kumyōza ingano.
24
Abafarisayo baramubaza, bati N’iki gitumye bakora ikizira gukorwa kw isabato?
25
Na we arababaza, ati Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yar’ aburaniwe ashonje, bo n’abāri kumwe na we?
26
Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima y’ibiterekērwa, ar’ umuziro kuribga, ukūye abaherezi, akayihako n’abāri kumwe na we?
27
Kand’ arababgira, at’ Isabato yabayeho kubg’ umuntu, arik’ umuntu si we yabayeho kubg’ isabato.
28
Ni co gituma Umwana w’umuntu ar’ umwami w’isabato na yo.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16