bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 10
Romans 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 11 →
1
Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe.
2
Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge.
3
Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.
4
Kuko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngw aheshe uwizera wese ukugororoka.
5
Mose yanditse, at’ Ūshishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho.
6
Arik’ ukugororoka kuva ku kwizera kuvuga gurtya, ngo Ntiwibaze, uti Ni nde azodūga, ngw aje mw ijuru? (risobanurwa ngo kumanukana Kristo),
7
cank’ uti Ni nde azomanuka i kuzimu? (risobanurwa ngo kudūgana Kristo, amukūye mu bāpfuye).
8
Ariko kwavuze gute? Kwavuze kut’ Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha.
9
Kuko ni wāturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukūye mu bapfuye, uzokizwa.
10
Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza.
11
Kukw ivyanditswe bivuga, ng’ Ūmwizera wese ntazoterwa n’isoni.
12
Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’ Umwami umwe ar’ Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose;
13
kuko, Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.
14
None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?
15
Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!
16
Arikw abumviye ubutumwa bgiza si bose. Kuko Yesaya yavuze, ati Mwami, ni nde yemeye ivyo twumvise?
17
Nuk’ ukwemera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo rya Kristo.
18
Ariko ndabaza: Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, Bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi.
19
Ariko ndabaza: Mbeg’ Abisirayeli ntibābimenye? Mose ni we yabanje kuvuga, ati Nzobateza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.
20
Kandi Yesaya ashira amanga cane, aravuga, ati Nabonywe n’abatāndondeye, Neretswe abatāmbaririkije.
21
Ariko ku Bisirayeli aravuga, ati Nirirwa ntegeye amaboko ubgoko butumva butongana.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16