bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 9
Romans 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 10 →
1
Ndavuga ukuri muri Kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje ribgiririkanya nanje muri Mpwemu Yera,
2
yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima.
3
Iyaba vyashoboka, noshimye kuvumwa no kuba igicibga kuri Kristo kubga bene wacu, abo tuvukana ku mubiri,
4
ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:
5
bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.
6
Ariko s’ukugira ngw ijambo ry’Imana ntiryashitse: kukw abamutse kuri Isirayeli atari bo Bisirayeli bose.
7
Kandi kukw ar’ uruvyaro rwa Aburahamu, si co kibagira abana biwe bose: ariko, Kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa.
8
Ni kwo kuvuga kw abana b’umubiri atari bo bana b’Imana, arikw abana b’isezerano ni bo baharūrwa nk’uruvyaro.
9
Kukw ijambo ry’isezerano ar’ iri, ngw Ikindi gihe nk’iki nzoza, Sara yavyaye umuhungu.
10
Kandi si co gusa, ariko na Rebeka, igihe yar’ amaze gusama inda y’umugabo umwe, Isaka sogokuruza,
11
kand’ abana bataravuka, batarakora iciza cank’ ikibi, ngw ivy’ Imana yagabiye itoranya bibeho, bitavuye ku vy’abantu bakora, ariko vyavuye kw Ībahamagara,
12
ico gihe yabgiwe, ngo Bukuru azoshumbira Butoyi;
13
nk’uko handitswe, ngo Yakobo naramukunze, Esau na we naramwanse.
14
Nuko tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya? Eka na mba!
15
Kuko yabgiye Mose, iti Nzogirira ikigongwe uwo nzokigirira, ngirire n’imbabazi uwo nzozigirira.
16
Ni co gituma bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe.
17
Kukw ivyanditswe vyabgiye Farawo, ngw Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ ubushobozi bganje, kandi ngw izina ryanje rivugwe hose mw isi yose.
18
Nukw igirira ikigongwe uw’ igomba, kand’ ikomantaza umutima w’uw’ igomba.
19
Nuko wombaza, uti N’iki gituma ikigaya umuntu? Ni nde yankiye ivy’ igomba?
20
Ariko ga wa muntu, uri nde, uhārīra n’Imana? Mbeg’ icābūmbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya?
21
cank’ umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamw’ urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’ icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni?
22
Mbega har’ ico biriko, nah’ Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona;
23
kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera,
24
kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga?
25
Nk’uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya, it’ Abatār’ abantu banje nzobita abantu banje, Kand’ ūtār’ inkundwakazi nzomwita inkundwakazi.
26
Kand’ aho hantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, Ni ho bazokwitirwa abana b’Imana nzima.
27
Kandi Yesaya asemerera ivy’ Abisirayeli, at’ Igitigiri c’Abisirayeli n’iyo coba nk’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira:
28
kuk’ Uhoraho azoshitsa ijambo ryiwe mw isi, ariringanize kand’ arihimbure.
29
Kandi nk’uko Yesaya yavuze kera, at’ Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atādushigarije uruvyaro, Tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukagirwa nk’i Gomora.
30
None tuvuge iki? Enda tuvuge yukw abanyamahanga batākurikiye ivy’ ukugororoka bāshitse ku kugororoka, ni kwo kugororoka kuva ku kwizera:
31
arikw Abisirayeli bākurikiye ivy’ ivyagezwe vy’ukugororoka, ntibābishikako.
32
Ni ku ki? N’uko batābironderesheje ukwizera, yamara bābironderesheje ibikorwa nk’ivyobibahesha, batsitara kuri rya buye ritsitaza,
33
nk’uko handitswe, ngw Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha, Kand’ uwizera uyo ntazoterwa n’isoni.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16