bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 8
Romans 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 9 →
1
Nuko rero noneh’ abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.
2
Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.
3
Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,
4
kugira ngw ivy’ ivyagezwe bibgiriza bishikanwe muri twebge, tutagenda mu buryo bg’akameremere kacu, ariko tugenda mu bg’ impwemu.
5
Kukw abaganzwa n’akameremere k’umubiri bitwaririka ivy’ umubiri, kand’ abaganzwa n’impwemu bitwaririka ivy’ impwemu.
6
Kwitwaririka ivy’ umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivy’ impwemu kuzana ubugingo n’amahoro.
7
Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.
8
Kand’ abaganzwa n’akameremere k’umubiri ntibashobora guhimbara Imana.
9
Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.
10
Bisanzwe Kristo ari muri mwebge, umubiri uba upfuye kubg’ icaha, arikw impwemu ni nzima kubgo kugororoka.
11
Ariko bisanzwe Mpwemu w’Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.
12
None rero, bene Data, turi n’umwenda, atar’ uw’ akameremere kacu, ngo twitondere ivyako.
13
Kuko namba mwitondera ivy’ akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa: ariko ni mwica ivy’ umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.
14
Abarōngōrwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana.
15
Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.
16
Mpwemu ubgiwe abgiririkanya n’impwemu yacu, ar’ icabona, yuko tur’ abana b’Imana.
17
Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.
18
Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa.
19
Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.
20
Kukw ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n’Iyageze ko biganzwa birtyo,
21
kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.
22
Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu:
23
kandi si co gusa, ariko natwe abafise umushuzo wa Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b’Imana, ni kwo gucungurwa kw’ imibiri yacu.
24
Kuko twakijijwe mu buryo bgo kugira ico twiteze: arikw icari citezwe iyo kibonetse ntikiba kicitegwa. Ic’ umuntu abonye, yoba akicitega ate?
25
Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.
26
Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu: kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubgiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa;
27
arikw Īsesa imitima irazi ivyo Mpwemu yiyumvira, kuk’ ukw Imana igomba ari ko Mpwemu asengera abera.
28
Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.
29
Kukw abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n’ishusho y’Umwana wayo, kugira ngw abe imfura muri bene Se benshi:
30
abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yarabatsindanishirije; abo yatsindanishirije, yabahaye ubgiza.
31
Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?
32
Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?
33
Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega n’Imana, kand’ ari yo ibatsindanishiriza?
34
Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.
35
Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota?
36
Nk’uko handitswe, ngo Twirirwa twicwa, bakuduhōra, Twagereranijwe n’intama z’imbagwa.
37
Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze.
38
Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi,
39
cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16