bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 14
Romans 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 15 →
1
Ūdakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko s’ukumuhāririza ku vy’ akekeranya.
2
Umuntu umwe afise ukwizera kwo kumurisha vyose, arik’ ūdakomeye arya ibirimwa gusa.
3
Ūrya inyama yoye gukēngēra ūtazirya; kand’ ūtazirya yoye guhinyura ūzirya, kukw Imana yamwemeye.
4
Wewe uri nde uhinyura umushumba w’abandi? Kukw imbere ya shebuja ari ho ahagarara cank’ agatemba; mber’ ushime azohagarara, kuk’ Umwami wacu ashobora kumuhagarika.
5
Umuntu umwe ashima umusi umwe kuwurutisha iyindi; uwundi agashima imisi yose. Umuntu wese n’ashirwe mu mutima wiwe.
6
Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana.
7
Kukw ata muntu muri twebge ariho kubgiwe, cank’ apfa kubgiwe:
8
namba turiho, turiho kuba ab’ Umwami; kandi namba dupfa, dupfira kuba ab’ Umwami. Nuko namba turiho, canke namba dupfa, tur’ ab’ Umwami.
9
Kukw icatumye Kristo apfa, akazuka, ar’ ukugira ngw abe Umwami w’abāpfuye kandi n’uw’ abariho.
10
Ariko weho, n’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukēngēra mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.
11
Kuko handitswe, ngo Nk’uko ndiho, ni k’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira, N’indimi zose zizovuga ishimwe ry’Imana.
12
Nuko rero, umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.
13
Uhereye none rero, twoye guhinyurana; yamara tugire iyi migabo: ngo hoye kugira ūshira igitsitaza cank’ ikigwisha imbere ya mwene Se.
14
Ndabizi, kandi nemejwe neza n’Umwami Yesu, yukw ata gihumanya ubgaco; shit’ uwiyumvira kw ikintu gihumanya, ni we cohumanya.
15
Iyo mwene So ababajwe n’ivy’ urya, ntuba ukigendera mu rukundo. Uwo Kristo yapfiriye ntumuranduze ivyo kurya vyawe.
16
Iciza canyu coye gutukwa.
17
Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.
18
Ūkorera Kristo artyo, ahimbara Imana, kandi n’abantu baramwemera.
19
Nuko dukurikire ivy’ amahoro n’ivyo gukomezanya:
20
ntimusenyure igikorwa c’Imana kubg’ ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara.
21
Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.
22
Ukwizera ufise, ukugumane mu mutima wawe imbere y’Imana. Hahirwa ūtihinyura ku vyo yemeye.
23
Ariko, ūkekeranya wese iy’ ariye aba atsinzwe, kuko bitaba bivuye ku kwizera: ikitava ku kwizera cose n’icaha.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16