bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 15
Romans 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 16 →
1
Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.
2
Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe.
3
Kuko na Kristo atinejereje, nk’uko handitswe, ngw Ibitutsi vy’abāgutuka vyaguye kuri jewe.
4
Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.
5
Arikw Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba,
6
kugira ngo muhimbaze n’umutima umwe n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.
7
Nuko mwemerane, nk’uko Kristo na we yabemeye, kugira ngw Imana ishimishwe.
8
Ico mvuga n’uko Kristo yacitse umukozi w’abākebge wo kubagaburira ivy’ Imana, kubg’ ukuri kwayo, kugira ngw ashitse ivyo ba sogokuruza bāsezeraniwe,
9
kandi ngw abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo, nk’uko handitswe, ngo Ni co gituma nzogutazira mu mahanga, Ndirimbe izina ryawe.
10
Kandi yongera kuvuga, ati Yemwe banyamahanga ni munezeranwe n’abantu bayo.
11
Kand’ arongera, ati Yemwe banyamahanga mwese, ni mushime Uhoraho, Kand’ amoko yose amuhimbaze.
12
Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.
13
Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.
14
Bene Data, nanje nyene ndazi ivyanyu ntakekeranya, yuko mwuzuye ineza, mwuzuye ubgenge bgose, mushobora no guhanūrana.
15
Ariko mbandikiye hamwe-hamwe ndushirije gushira amanga, nk’ūbibutsa, kubg’ ubuntu nahawe n’Imana,
16
ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera.
17
Nuko mfise ukwirata mu vy’Imana muri Kristo Yesu.
18
Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atar’ ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngw abanyamahanga baganduke, ampaye amajambo n’ibikorwa,
19
n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,
20
namanye imigabo yo kuvuga ubutumwa bgiza, ah’ izina rya Kristo ritaribgamenyekane, ngo sinubake kw itanguriro ryubatswe n’uwundi:
21
yamara ngo bimere nk’uko handitswe, ngw Abatīgāniwe ivyiwe bazobibona, Kand’ abataravyumva bazovyitegereza.
22
Ni co gituma ngira igisīvya kenshi co kuza i wanyu:
23
ariko none ntihakinyagukiye mur’ ibi bihugu, kand’ uhereye mu myaka myinshi nifuza kuza i wanyu,
24
aho nzogīra i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobarāba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kubashira inkumbu buhoro.
25
Arik’ ubu ndiko ndaja i Yerusalemu kugaburira abera.
26
Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.
27
Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namb’ abanyamahanga bāsangiye ivy’ impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy’umubiri.
28
Ni naheraheza ivyo, mmaze kubashikiriza neza izo mbuto z’ubuntu, nzovayo, nce i wanyu, nje i Sipaniya.
29
Kandi ndazi yukw aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye.
30
Nuko ndabinginga, bene Data, kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, no kubg’ urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana,
31
nkire ab’i Yudaya batayumvira, kand’ ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n’abera;
32
mbone uko nza i wanyu nnezerewe, Imana ni yabikunda, nduhukane namwe.
33
Imana Nyen’ amahoro ibane namwe mwese. Amen.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16