bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 5
Romans 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 6 →
1
None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo,
2
yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.
3
Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana;
4
kand’ ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba;
5
ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.
6
Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.
7
Kw ar’ ibigoye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira:
8
arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.
9
Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana.
10
Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.
11
Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.
12
None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha:
13
ivyagezwe bitarabaho, icaha cari mw isi, arikw abantu ntibāharūrwakw icaha, ivyagezwe bitariho.
14
Arik’ uhereye kuri Adamu, ukageza kuri Mose, urupfu rwaganza n’abatākoze icaha gisa n’igicumuro ca Adamu, yar’ igishushanyo c’uwagira az’ aze.
15
Arikw ingabire y’Imana ntimera nka ca gicumuro. Kw igicumuro c’umwe catumye abenshi bapfa, ubuntu bg’Imana n’ingabire y’ubuntu bg’umuntu umwe Yesu Kristo vyarushirije gusāguka kuri benshi.
16
Kand’ iyo ngabire ntiyaje nk’icazanywe n’igicumuro c’umuntu umwe: kuko gucirwa urubanza kwavuye ku muntu umwe, kugatera gutsindwa, ariko ya ngabire yavuye mu bicumuro vyinshi, izana gutsindanishirizwa.
17
Kw igicumuro c’umwe catumye urupfu rushirwa ku ngoma n’umwe, abākīra ubuntu n’ingabire yo kugororoka bisēsekaye bazorushiriza gushirwa ku ngoma mu bugingo n’umwe, Yesu Kristo.
18
None rero nk’uko gucirwa urubanza kwazanywe n’igicumuro kimwe ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubugingo.
19
Kandi nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’ umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi.
20
Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,
21
kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16