bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 16
Romans 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
1
Mbashimiye Foyibe mwene Data, ni we mukozi w’ishengero ry’i Kenkireya,
2
ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.
3
Muntahirize Purisikila na Akwila abākoranye nanje muri Kristo Yesu,
4
kandi bāhevye iyabo mitwe ko yocibga kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene mbashima, ariko n’amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima.
5
Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya bābaye aba Kristo.
6
Muntahirize Mariya yakoreye mwebge cane.
7
Muntahirize Andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, abābohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo.
8
Muntahirize Ampuliyato, uwo nkunda mu Mwami wacu.
9
Muntahirize Urubano, akorana natwe muri Kristo, na Sitaku, uwo nkunda.
10
Muntahirize Apele yagejejwe akarama muri Kristo. Muntahirize abo mu bo kwa Arisitobulo.
11
Muntahirize Herodiyoni dusangiye umuryango. Muntahirize abo mu bo kwa Narukiso, abari mu Mwami wacu.
12
Muntahirize Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane.
13
Muntahirize Rufo, yatoranijwe n’Umwami, na nyina ni nka mama.
14
Muntahirize Asunkirito, na Fulegoni, na Herume, na Patiroba, na Heruma, na bene Data bari kumwe na bo.
15
Muntahirize Filologo na Yuliya, na Nereyu na mushiki we, na Olumpa n’abera bose bari kumwe na bo.
16
Muramukanishe kugumbirana kwera. Amashengero ya Kristo yose arabaganūtsa.
17
Ariko bene Data, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahūra n’ivyo mwize, mubazibukire.
18
Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.
19
Igitumye mbabgira ivyo, n’uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose: ni co gitumye mbanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabgenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi.
20
Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
21
Timoteyo, dukorana, arabaganūtsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.
22
Nanje Terutiyo, nanditse iki cete, ndabaganūtsa mu Mwami wacu.
23
Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [
24
Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amen.]
25
Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,
26
ariko mur’ iki gihe riraserutse, kand’ ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana birimenyesheje amahanga yose, nk’ukw Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera,
27
Imana ifise ubgenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubga Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amen.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16