bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 11
Romans 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 12 →
1
Nuko ndabaza: Mbeg’ Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje nd’ Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini.
2
Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana,
3
ati Mwami, bishe abavugishwa nawe, bāsambuye ibicaniro vyawe, nanje nsigaye jenyene, kandi barangenza ngo banyice.
4
Arikw Imana yamwishuye ngw iki? Iti Nishigarije abantu ibihumbi ndwi batāpfukamiye Bayali.
5
Nuko ni ko biri no mur’ iki gihe, harih’ amasigarira nk’uko yatoranijwe n’ubuntu bg’Imana.
6
Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa: namb’ atari ko biri, ubuntu si bgo buntu.
7
None vyabaye bite se? Ic’ Abisirayeli bārondeye, ntibākibonye; ariko, abātoranijwe bārakironse, abandi bakomantazwa imitima.
8
Nk’uko handitswe, ngw Imana yabahaye umutima wo guhunyiza, n’amaso atabona, n’amatwi atumva, gushitsa kur’ uyu musi.
9
Kandi Dawidi yaravuze, at’ Ameza yabo abe nk’ururiba, n’umutego, N’ikigwisha, n’inyishu yabo:
10
Amaso yabo n’ahumwe, ntibabone, Kandi wame ubahetamitse umugongo imisi yose.
11
Nuko ndabaza: Mbega bātsitariye kugwa mahera? Eka na mba! Yamar’ ukugwa kwabo kwāzaniye abanyamahanga agakiza, ngo bitere Abisirayeli ishari.
12
Ariko, k’ukugwa kwabo ar’ ubutunzi bg’abari mw isi, n’ukugabanuka kwabo ar’ ubutunzi bg’abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane?
13
Ariko ndababarira mwebge, abanyamahanga. Ndashimisha igikorwa canje, kuko nd’ intumwa ku banyamahanga,
14
kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo.
15
Ko gutabga kwabo kwazaniye abari mw isi kwuzura n’Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye?
16
Kandi kw ifu y’umushuzo ar’ iyera, n’irobe ni ko rimeze; kandi kw igishitsi ar’ icera, n’amashami ni kw ameze.
17
Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite,
18
ntiwihayagize kur’ ayo mashami. Namb’ uyihayagizako s’igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi.
19
Wovuga rero, ut’ Amashami yahanyuwe kugira ngo nterweko.
20
Ni ko: ukutizera ni kwo kwayahanyuje, nawe ukwizera ni kwo kuguhagaritse. Ntiwibone, ariko wiyubare.
21
Kukw Imana, kw itāgiriye ikigongwe amashami bgite, nawe ntizokikugirira.
22
Rāba rer’ ukugira neza kw’Imana, n’ubuhambazi bgayo: ku bāguye n’ubuhambazi, ariko kuri wewe n’ukugira neza kw’Imana, ni waguma mur’ ukwo kugira neza kwayo: kuko n’utagira urtyo, nawe uzohanyurwa.
23
Kandi ba bandi na bo, ni batāguma mu kutizera, bazosubizwako nk’ingurukizi: Imana ishobora kubasubizako.
24
Kuko, ko wahanyuwe ku giti cameze ar’ ikija ca elayo, ugaterwa nk’ingurukizi muri elayo nziza, mudasangiye ubgoko, ba bandi babusangiye ntibazorushiriza cane guterwa muri elayo yabo?
25
Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.
26
Ni vyaba birtyo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe, ngw I Siyoni hazova Umurokozi, Azokūra muri Yakobo ukutubaha Imana;
27
Kandi ni ryo sezerano, nsezeranye na bo, Aho nzobakūrakw ivyaha.
28
Ku vy’ubutumwa bgiza, n’abansi kubganyu: ariko ku vy’ugutoranya kw’Imana, n’abakundwa kubga ba sekuruza.
29
Kukw ingabire z’Imana no guhamagara kwayo itavyicuza.
30
Nk’uko mwebge kera mwagarariza Imana, ariko non’ umugararizo wabo wazaniye mwebge kugirirwa imbabazi:
31
ni ko na bo none bāgararije, kugira ngw imbabazi mwagiriwe zibazanire na bo kuzigirirwa.
32
Kukw Imana yugaraniye abantu bose mu mugararizo, kugira ngw ibagirire imbabazi bose.
33
Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!
34
Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe?
35
Canke ni nde yabanje kumuha kand’ akazokwishurwa?
36
Kuko vyose biva muri we, kandi bizanwa na we, kandi vyamuremewe: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira. Amen.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16