bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Romans 13
Romans 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
1
Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.
2
Ni co gituma, ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana: kand’ abakigābagābiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza.
3
Kukw abaganza atar’ abateye ubgoba k’ūkora iciza, shit’ ūkora ikibi. Uragomba kutagirira ubgoba ūganza? Kora neza, azogushima.
4
Kukw ar’ umukozi w’Imana kubgawe, ngw akuzanire ivyiza. Ariko ni wakora nabi, ugire ubgoba, kukw atambarira inkota ubusa, kukw ar’ umukozi w’Imana, umuhōzi ashitsa uburake k’ūkora nabi.
5
Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari kubgo kurakirwa gusa, ariko no kubg’ ijwi ryo mu mutima.
6
Ni co gituma kandi mutanga ikori; kukw abaganza ar’ abakozi b’Imana, bashishikarira ico gikorwa nyene.
7
Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; abo gutinywa mubatinye; abo kwubahwa mububahe.
8
Ntihagire uwo mugirira umwenda, atar’ ugukundana: kuk’ ūkunda uwundi aba ashikije ivyagezwe.
9
Kukw ibi, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n’ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe mur’ iri jambo, ng’ Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.
10
Ūfise urukundo ntagirira mugenzi we nabi: ni co gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe.
11
Nuko mwame mugenza murtyo, kuko muzi imisi, yukw igihe gishitse co kwikangura. Non’ agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye.
12
Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy’umwiza, twambare ibirwanishwa vy’umuco.
13
Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.
14
Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16