bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 12
1 Kings 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 13 →
1
Bukeye Rehobowamu aja i Shekemu, kukw ari ho Abisirayeli bose bari bagiye kumwimikira.
2
Maze Yerobowamu mwene Nebati aravyumva; kandi yar’ akiri muri Egiputa, iyo yari yarahungiye umwami Salomo, akagumayo;
3
nuko batuma kumuhamagara. Ashitse araza, bo n’ishengero ryose ry’Abisirayeli, babarira Rehobowamu,
4
bati So yadutwaje igitugu; none rero, n’ utugerurire ibikorwa bibabaza so yadukoresha, utugabanyeko n’iyo ntwaro yadutwaza, natwe tuzogusaba.
5
Arabishura, ati Ni mugende mumare imisi itatu, muze muheze mugaruke. Nukw abantu baragenda.
6
Maz’ umwami Rehobowamu aragenda agīsha inama abashingantahe bāri kuri se Salomo akiriho, arababaza, ati Mwongīra inama ki nokwishura abo bantu?
7
Baramwishura, bat’ Uyu musi ni wemera kwumvira aba bantu, ukabamerera neza, ukabishura amajambo meza, nuko na bo bazokwumvira ibihe vyose.
8
Ariko yanka iyo nama abo bashingantahe bamugīriye, aja kugīsha inama imisore yārukanye na we, yari kuri we.
9
Arababaza, at’ Inama yanyu n’inki, twokwishura abo bantu bambariye, ngo ni ndabagabanyekw intwaro data yabatwaza?
10
Nukw iyo misore iramubarira, it’ Uze wishure abo bantu bakubariye ngo so yabatwaje igitugu, ariko ngo weho ubagabanyekw iyo ntwaro; uz’ ubabarire, ut’ Uruhererezi rwanje ruruta ubunini ikiyunguyungu ca data!
11
Ut’ Ariko naho data yabatwaje igitugu, uti Jeho nzorushiriza; uti Data yabakubitisha ibimoko, ut’ Ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.
12
Nuko ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abantu bose baza ku mwami Rehobowamu, nk’uko yababariye kuzogaruka i we ku musi ugira gatatu.
13
Maz’ umwami yanse inama yagīriwe na ba bashingantahe, yishura abantu abakankamira,
14
ababarira nk’ ukw inama ya ya misore iri, ati Data yabatwaje igitugu, ariko jeho nzorushiriza; data yabakubitisha ibimoko, ariko jeho nzobakubitisha sikorupiyo.
15
Nuk’ umwami ntiyemerera abantu; kukw ivyo vyari bivuye k’Uhoraho, kugira ngw ashitse ijambo yari yarabariye Yerobowamu mwene Nebati, aritumye Ahiya w’i Shilo.
16
Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.
17
Arikw Abisirayeli baba mu bisagara vy’i Buyuda, abo bo Rehobowamu arabaganza.
18
Bukeye umwami Rehobowamu arungika Adoramu, ari we yagaba ivy’ abanyabikebere; Abisirayeli bose bamutera amabuye, arapfa. Umwami Rehobowamu avyumvise, aca arakwakwanya yūrira mu mukogote wiwe, ahungira i Yerusalemu.
19
Uko ni kw Abisirayeli bāgararije inzu ya Dawidi gushitsa na bugingo n’ubu.
20
Maz’ Abisirayeli bose bumvise yuko Yerobowamu yagarutse, batuma kumuhamagara ngw aze mw ikoraniro ryabo; baca baramwimika, aba umwami w’Abisirayeli bose; ntihāba hakigira ūsaba ab’ inzu ya Dawidi, atar’ umuryango wa Yuda gusa.
21
Ariko Rehobowamu ashitse i Yerusalemu, akoranya umuryango wose w’Abayuda, n’umuryango w’Ababenyamini, bakorana ar’ ingabo z’abahizi ibihumbi ijana na mirongumunani bo gutera ab’ inzu y’Abisirayeli, ngo bagarukanire Rehobowamu mwene Salomo igihugu.
22
Maz’ ijambo ry’ Imana riza kuri Shemaya umuntu w’Imana,
23
riti Barira Rehobowamu mwene Salomo, umwami w’Abayuda, n’abo mu muryango w’Abayuda bose n’uw’ Ababenyamini, n’abandi bantu bose,
24
ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ntimuze mudūge kurwanya ab’ i wanyu b’Abisirayeli; ngo Ni mwitahire, umuntu wese asubire i we; ngo Kukw ivyabaye vyavuye kuri we. Nuko bumvira ijambo ry’Uhoraho, baritahira, nk’uk’ Uhoraho yavuze.
25
Maze Yerobowamu yubaka i Shekemu mu mugamba w’Abefurayimu, abayo; hanyuma avayo, yubaka i Penuweli.
26
Maze Yerobowamu yivuganya mu mutima, at’ Ereg’ igihugu kizohava cisubirira ku b’inzu ya Dawidi.
27
Aba bantu ni bakomeza kudūga i Yerusalemu gutangira ibimazi mu ngoro y’Uhoraho, imitima yabo izosubira kuri shebuja, Rehobowamu umwami w’Abayuda; baheze banyice, bīsubirire kuri we.
28
Umwami araheza yīgīra inama, acurisha ibishushanyo vy’ amamasa bibiri mw izahabu, abarira abantu, at’ Erega birabagoye kwama mudūga i Yerusalemu: ehe rāba, ngizi imana zanyu zabakūye mu gihugu ca Egiputa, yemwe Bisirayeli!
29
Maze kimwe agishinga i Beteli, ikindi i Dani.
30
Ico kintu gihindukira abantu icaha, kuko bagenda kucikubita imbere, bakarinda bashika no ku c’i Dani.
31
Kandi yubaka n’ utunyabugoro ahantu hār’ ibitabo ku mpinga z’imisozi, atoranya mu bandi bantu bose batar’ Abalewi, abagira abaherezi.
32
Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza, aha ibimazi vya bishushanyo vy’amamasa yacurishije. I Beteli ahashira abaherezi b’ivyo bitabo yatabishije ku mpinga z’ imisozi.
33
Aradūga aja ku gicaniro yari yarubakishije i Beteli, hāri ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi kw’umunani, ari kwo kwezi yitoranirije ubgiwe, agashinga uwo musi mukuru w’ Abisirayeli; nukw aradūga aja ku gicaniro, kugira ngw ahosereze imibavu.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22