bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 19
1 Kings 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 20 →
1
Maze Ahabu adondera Yezebeli ivyo Eliya yakoze vyose, n’ingene yicishije inkota ba kamenyi bose.
2
Yezebeli araheza atuma intumwa kuri Eliya, ut’ Ejo nk’aya mango wewe ubgawe, uti N’atakugira nk’uko wagize abo, ut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!
3
Eliya aca aterwa n’ubgoba, akūra hasi, arahunga ngw akize amagara, aja i Beri‐sheba h’i Buyuda, ahasiga umuntu wiwe.
4
Mugabo we, agenda urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araza yicara musi y’igiti c’umurotemu, yisabira gupfa, at’ Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza.
5
Araheza yiryamira musi y’ico giti c’umurotemu, arasinzira; maz’ umumarayika araza aramukoma, aramubarira, ati Vyuka, urye.
6
Akanuye, abona umutsima ugeretse ku makara, n’umukuza w’ amazi, biri haruguru y’umutwe wiwe. Nukw aravyābīra, ararya, aranywa, arongera ariryamira.
7
Umumarayika w’Uhoraho agaruka ubugira kabiri, aramukoma, aramubarira, ati Vyuka urye, urugendo ntirukunanire kukw ari rurerure.
8
Nukw aravyuka, ararya, aranywa; izo ndya azigendera imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ashika i Horebu ku musozi w’Imana.
9
Ashitseyo, yinjira mw isenga, abaho; maz’ ijambo ry’Uhoraho rimuzako, riramubaza, rit’ Ukora iki hano ga Eliya?
10
Na we arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.
11
Aramwishura, ati Sohoka uhagarare hanze ku musozi imbere yanje, jewe Uhoraho. Ako kanya Uhoraho arahaca, maze haza umuyaga mwinshi w’igihuhuta usatagura imisozi, umenagura ibitandara imbere y’Uhoraho; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ uyo muyaga. Umuyaga uciye, habaho gutigita kw’isi; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ ukwo gutigita.
12
Isi irangije gutigita habah’ umuriro; arik’ Uhoraho ntiyari mur’ uwo muriro. Hanyuma y’uwo muriro haza agacerere.
13
Maze Eliya akumvise, yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara ku muryango w’iryo senga. Haza ijwi rimubaza, rit’ Ukora iki hano ga Eliya?
14
Arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.
15
Uhoraho aramubarira, ati Subiray’ ujane inzira wazananye, uje mu bugaragwa bg’i Damasiko; ni washikayo, uz’ urobanuze Hazayeli amavuta, az’ abe umwami w’i Siriya;
16
na Yehu mwene Nimushi na we uz’ umurobanuze amavuta, az’ abe umwami w’Abisirayeli; kandi na Elisa mwene Shafati w’i Abeli‐mehola uz’ umurobanuze amavuta, az’ abe ūvugishwa mu gishingo cawe.
17
Maz’ ūzokira inkota ya Hazayeli, Yehu azomwica; ūzokira iya Yehu, Elisa azomwica.
18
Yamara rero, ngiye kwisigariza abantu ibihumbi ndwi mu Bisirayeli, batigeze bapfukamira Bayali canke ngo bamusome.
19
Nukw avayo, aragenda abona Elisa mwene Shafati, arikw ararimisha inka mirongwibiri na zine zirongōye imbere yiwe, zisangiye ingōgo ari zibiri‐zibiri, na we ari ku z’imperēra; Eliya akebereza iy’ ari, amutererak’ umutamana wiwe.
20
Maze Elisa asiga inka ngaho, agenda ariruka akurikira Eliya, aramubarira, ati Ndakwinginze reka mbanze nje gusezera data na mama, mpeze nze ngukurikire. Na we ati Genda: ubonye nkugize nte?
21
Nukw areka kumukurikira, asubira inyuma, ahitana inka zibiri zisangiye ingōgo, arazibāga, atekesha inyama zazo ibiti vy’ingōgo zazo, agaburira abantu, bararya. Araheza ava hasi, akurikira Eliya, agenda aramukorera.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22