bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 21
1 Kings 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 22 →
1
Kandi hār’ umuntu yitwa Naboti w’i Yezireli, yar’ afise uruzabibu aho nyene i Yezireli, rubangikanye n’urugo rwa Ahabu umwami w’i Samariya.
2
Bukeye Ahabu abarira Naboti, ati Mpa urwo ruzabibu rwawe, kugira ngo ndahagire umurima w’imboga, kuko ruri hafi y’urugo rwanje, nanje ndaguha urundi ruruta urwo mu gishingo carwo; canke ni wagomba, ndaguha amahera aruciye.
3
Naboti yishura Ahabu, ati N’Uhoraho ntakavyumve ko noguha ishamvu ya ba sogokuruza!
4
Nuko Ahabu arataha ashavuye yijiriwe, kubg’ iryo jambo Naboti w’i Yezireli yamubariye: kuko yamubariye, ati Sinoguha ishamvu ya ba sogokuruza. Nukw aragenda yiryamira ku kirwa, aroresha amaso hirya mu rusika, yanka gufūngura.
5
Maz’ umwamikazi wiwe Yezebeli araza, aramubaza, ati N’ iki kikubabaje, ukanka kurya?
6
Aramwishura, at’ Ikimbabaje n’uko nabariye Naboti w’i Yezireli, nti Mpa urwo ruzabibu rwawe ndarugure, nti Canke ndaguhe urundi mu gishingo carwo; akambarira kw atampa uruzabibu rwiwe.
7
Umwamikazi wiwe Yezebeli aramubaza, ati None si wewe uganza igihugu c’Abisirayeli? Vyuka mufūngure, mushire umubabaro, jewe nzoguha urwo ruzabibu rwa Naboti w’i Yezireli.
8
Nuko yandika ivyete mw izina rya Ahabu, abidomakw ikimenyetso ciwe, abirungikira abashingantahe n’abaganwa bābana na Naboti mur’ ico gisagara.
9
Yandika mur’ ivyo vyete, aravuga, ati Ni mushinge umusi wo kwisonzesha, mushire Naboti imbere y’abantu;
10
maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.
11
Nukw abantu bo mur’ ico gisagara, ari bo bashingantahe n’ abaganwa bene ho, babigenza nk’ uko Yezebeli yabatumyeko muri vya vyete yabandikira.
12
Bashinga umusi wo kwisonzesha, bashira Naboti imbere y’abantu;
13
maz’ abo bantu babiri b’inshirukanya baraza bamwicara imbere, bāgiriza Naboti ngaho imbere y’ abantu, bati Naboti yarogose ku Mana no ku mwami. Maze baca bamukūra mu gisagara, bamwicisha amabuye.
14
Baraheza batuma kuri Yezebeli, uti Naboti bamuteye amabuye; yapfuye.
15
Maze Yezebeli yumvise ko Naboti bamuteye amabuye kandi ko yapfuye, abarira Ahabu, ati Haguruka uje gushikīra rwa ruzabibu Naboti w’i Yezireli yanka ko mugura: ntakiriho, yapfuye.
16
Ahabu yumvise ko Naboti yapfuye, arahaguruka, aramanuka, aja gushikīra rwa ruzabibu rwa Naboti w’i Yezireli.
17
Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya w’i Tishubi,
18
riti Va hasi umanuke uje guhūra na Ahabu umwami w’Abisirayeli, aba i Samariya; uramusanga mu ruzabibu rwa Naboti, aramanutse kurushikīra.
19
Umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Non’ urishe, utak’ ushikīra imyandu? Uheze umubarire, ut’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ngw Ah’ imbga zarigatiye amaraso ya Naboti, ni ho zizorigatira n’ayawe.
20
Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
21
Mbere ngw Azokuzanakw ivyago, agufyēfyēture agukūreho, aherengeteze izinamuhungu wese wo kuri wewe, Ahabu, aho bava bakagera mu Bisirayeli;
22
kandi ngw Inzu yawe azoyihindura nk’iya Yerobowamu mwene Nebati, kandi ngw Ayihindure nk’iya Bayasha mwene Ahiya, ngo Kubg’ umwikomo wamuteye ukamuratsa, ugakwegera Abisirayeli mu vyaha;
23
kandi kuri Yezebeli Uhoraho agize ngw Imbga zizomurīra ku ruzitiro rw’i Yezireli.
24
Kandi ng’ Ūzogwa mu gisagara mu ba Ahabu azoribga n’imbga; ng’ Ūzogwa mu gahinga azoribga n’ibisīga.
25
Nta wundi yigeze kwīgira umugurano wo gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi nka Ahabu, yavyohejwe n’umwamikazi wiwe Yezebeli.
26
Yama akora ibintu vy’ubugesera, akurikira ibishushanyo, nk’ukw Abamori babigenza kwose, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.
27
Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.
28
Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya w’i Tishubi,
29
riti Mbeg’ urabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi artyo imbere yanje, sinzozana ivyo vyago ku ngoma yiwe, ariko ku ngoma y’ umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22