bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 14
1 Kings 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 15 →
1
Ico gihe Abiya mwene Yerobowamu ararwara.
2
Yerobowamu abarira umwamikazi wiwe, at’ Enda genda wiyoberanye, kugira ngo woye kumenyekana k’ur’ uwanje, uheze uje i Shilo; ni ho ūvugishwa n’Imana Ahiya aba, umwe yavuga ko nzoba umwami w’aba bantu.
3
Ujane amarobe cumi y’imitsima, n’ utundi dutsima dukaranze, n’ ikarabo ry’umutsama w’ubūki, uje i we; na we azokubarira ivy’ uyu mwana ivy’ ari vyo.
4
Nuk’ umwamikazi wa Yerobowamu abigenza artyo, arahaguruka, aja i Shilo kwa Ahiya. Kandi Ahiya ntiyar’ agishobora kubona, kukw amaso yiwe yar’ asigaye ar’ ivyijiji kubg’ ubusāza.
5
Maz’ Uhoraho abarira Ahiya, at’ Ehe muka Yerobowamu araje kukubaza ivy’ umwana wiwe arwaye; nuk’ umubgire ibi n’ibi; kandi ni yashika, aza kuba yihinduye uwundi.
6
Nuko Ahiya, yumvise ibirenge vyiwe acinjira mu muryango, aramubarira, ati Shika, yewe muka Yerobowamu! N’iki gitumye wihindura uwundi, kandi ngutumwekw inkuru mbi?
7
Genda ubarire Yerobowamu, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, agize: ngo Yagukūye mu bandi bantu, agushira hejuru, ngw Akugira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;
8
ngw Akugabaniriza igihugu, agikūye ku nzu ya Dawidi; ngw Ariko wewe ntiwamumereye nk’umusavyi wiwe Dawidi yitondera ivyagezwe vyiwe, ngw Akamukurikira n’ umutima wiwe wose, agakora ibishimwa imbere yiwe;
9
ngw Arik’ ukora ibibi kurenza abakubanjirije bose, ng’ Uragenda wironderera izindi mana z’ibishushanyo bivugutiwe mu nkero, ng’ Uramuratsa, umushiburira inyuma yawe;
10
ngo Nuko rero, ngo Ni co kizotuma atēza ivyago inzu ya Yerobowamu, agaherengeteza izinamuhungu wese kuri Yerobowamu aho bava bakagera mu Bisirayeli, ngw Agafyēfyētura inzu ya Yerobowamu, nk’uk’ umuntu afyēfyētura amavyi akayamaririkanya.
11
Ng’ Ūzogwa mu gisagara mu ba Yerobowamu azoribga n’imbga; ng’ Ūzogwa mu gahinga azoribga n’ibisīga, kuk’ Uhoraho ari we abivuze.
12
Nuko rero haguruka utahe i muhira; mugabo, ukigira ng’ urashinga ibirenge ku murwa, uwo mwana azoca acikana.
13
Kand’ Abisirayeli bose bazomuririra, bamuhambe; uwo ni we wenyene mu ba Yerobowamu azohambga mu mva, kuko mu nzu ya Yerobowamu ari we gusa yagize ivyiza abonekwakw imbere y’Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli.
14
Kand’ Uhoraho azokwihagurukiriza mu Bisirayeli umwami azohonnya ab’ inzu ya Yerobowamu uwo musi.
15
Kuk’ uhereye ubu, Uhoraho agiye gukubita Abisirayeli, babe nk’ irenga rinyiganyigira mu mazi, arandure Abisirayeli mur’ iki gihugu ciza yari yarahaye ba sekuruza, abashwiragirize hakurya ya rwa ruzi Efurate, kuko bashingiye Ashera inkingi, bagatera umwikomo Uhoraho, bakamuratsa.
16
Kand’ azoheba Abisirayeli, abahōye ivyaha Yerobowamu yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli.
17
Nuko muka Yerobowamu arahaguruka, aragenda, asubira i Tirusa; agishika ku muryango w’ingoro, uwo mwana aracikana.
18
Abisirayeli bose baramuhamba, baramuririra, nk’ukw ijambo Uhoraho yavugishije umusavyi wiwe Ahiya riri.
19
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yerobowamu, n’intambara yarwanye, n’uburyo yaganje, vyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli.
20
Igihe Yerobowamu yamaze ari ku ngoma yabaye imyaka mirongwibiri n’ibiri; nukw ahamvya ba sekuruza, maz’ umuhungu wiwe Nadabu asubira ku ngoma yiwe.
21
Kandi Rehobowamu ni we yabaye ku ngoma i Buyuda; yimye amaze imyaka mirongwine n’umwe, yamaze ku ngoma imyaka cumi n’indwi i Yerusalemu, umurwa Uhoraho yari yaritoranirije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw ahashire izina ryiwe; nyina yitwa Nayama w’Umwamonikazi.
22
Maz’ Abayuda bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bamuteza ifuhe ivyaha bakoze, birengeye ivyo ba sekuruza bakoze vyose.
23
Kuko bītabiye ibitabo, bagashinga n’amabuye kw inkingi, bo n’inkingi bashingiye Ashera, ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye.
24
Mbere mur’ ico gihugu hāri n’abagabo bendana. Kandi bākora ibizira vyose abanyamahanga bākora, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.
25
Maze mu mwaka ugira gatanu umwami Rehobowamu ari ku ngoma, Shishaki umwami wa Egiputa aradūga atera i Yerusalemu;
26
asahura ivy’ ubutunzi vyari bibītswe mu ngoro y’Uhoraho n’ivyo mu ngoro y’umwami, arabijana vyose, ajana n’inkinzo zose z’amazahabu Salomo yari yaracurishije.
27
Maz’ umwami Rehobowamu acurisha izindi nkinzo mu miringa zo gusubira mu gishingo cazo, azizēza abakuru b’ abashibamyi bāshibama ku gisapfu c’ingoro y’umwami.
28
Kand’ uk’ umwami yaja mu ngoro y’Uhoraho, abo bashibamyi bāgenda bazijanye, hanyuma bakazigarukana bakazisubiza mu nzu yabo.
29
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Rehobowamu, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abayuda?
30
Kandi hāmah’ intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu na ntaryo.
31
Nuko Rehobowamu ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; kandi nyina yitwa Nayama w’Umwamonikazi. Maz’ umuhungu wiwe Abiya asubira ku ngoma yiwe.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22