bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 16
1 Kings 16
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 17 →
1
Bukeye ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yehu mwene Hanani, ryagiriza Bayasha;
2
riti Nagukūye mu mukungugu ndagushira hejuru, nkugira segaba w’abantu banje b’Abisirayeli; rit’ Ariko non’ ugendera mu ngeso za Yerobowamu, ukwegera abantu banje b’Abisirayeli mu vyaha, kugira ngo bantēze umwikomo ivyaha vyabo ngo ndake;
3
rit’ Ehe ngira ngufyēfyēturane n’ inzu yawe, yewe Bayasha, kand’ inzu yawe nzoyigira nk’iya Yerobowamu mwene Nebati;
4
rit’ Ūzogwa mu gisagara mu bawe azoribga n’imbga, kand’ ūzogwa mu gahinga azoribga n’ibisīga.
5
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Bayasha, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ ububasha bgiwe, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
6
Nuko Bayasha ahamvya ba sekuruza, ahambga i Tirusa; maz’ umuhungu wiwe Ela asubira ku ngoma yiwe.
7
Kandi hāri haje ijambo ry’Uhoraho kuri Yehu mwene Hanani, ryagiriza Bayasha bo n’inzu yiwe, kubg’ ibibi vyose yakoze imbere y’Uhoraho, amutēza umwikomo ibikorwa vyiwe yakoze kubgo kwīgāna ab’ inzu ya Yerobowamu, no kubgo kubageseza.
8
Mu mwaka ugira mirongwibiri na gatandatu Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Ela mwene Bayasha yima i Tirusa mu Bisirayeli; amara imyaka ibiri ari ku ngoma.
9
Maz’ umuntu wiwe yitwa Zimuri, umugabisha yagaba igice c’imikogote yiwe y’intambara, aramugarariza. Ico gihe Ela yar’ i Tirusa, yarikw aranywera ku mubgiriza wiwe Arusa, amaze kuborerwa.
10
Zimuri arinjira, amutsindaho, aramwica, araheza yiyimika mu gishingo ciwe; hāri mu mwaka ugira mirongwibiri n’indwi Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma.
11
Amaze kwima, agishika ku ngoma, ageseza ab’ inzu ya Bayasha bose, ntiyamusigariza icitwa umuhungu n’umwe, uhereye ku b’i wabo no ku bagenzi biwe.
12
Uko ni ko Zimuri yahenebereje ab’ inzu ya Bayasha bose, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, iryo yavugishije Yehu, yagiriza Bayasha,
13
kubg’ ivyaha vyose vya Bayasha n’ivy’ umuhungu wiwe Ela, ivyo bākoze, bakabikwegeramwo n’Abisirayeli, bagatera umwikomo Uhoraho Imana y’Abisirayeli, bakamurakisha ibishushanyo vyabo.
14
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Ela, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’ abami b’Abisirayeli?
15
Mu mwaka ugira mirongwibiri n’indwi Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Zimuri yima i Tirusa, amara imisi ndwi ari ku ngoma. Ico gihe abantu bari bateye i Gibetoni haganzwa n’ Abafilisitiya, bahūgarije.
16
Maz’ abantu bari bashagaje aho, bumva bavuga, bati Zimuri yayovye, yishe umwami. Uwo musi nyene Abisirayeli bose ni kwo kwimika Omuri, umugabisha w’ingabo, ngw abe umwami wabo; bamwimikira aho nyene aho bashagaje.
17
Maze Omuri n’Abisirayeli bose bari kumwe na we, baca bareka i Gibetoni, baja gutera i Tirusa, barahūgariza.
18
Maze Zimuri abonye ko batsinze igisagara, yitera mu munara wo mu rugo i bgami, yītuririramwo, arapfa,
19
azize ivyaha vyiwe yakoze, kuko yakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, akagendera mu ngeso za Yerobowamu no mu vyaha vyiwe yakora abikwegeramwo n’ Abisirayeli.
20
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Zimuri, n’ingene yayovye, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
21
Maz’ Abisirayeli bigabanyamw’ ibice bibiri, igice kimwe gikurikira Tibuni mwene Ginati, kugira ngo bamwimike, ikindi gikurikira Omuri.
22
Arikw abākurikiye Omuri banesha abākurikiye Tibuni mwene Ginati; nukw ivyo bizanira Tibuni urupfu, Omuri ahangama ku ngoma.
23
Mu mwaka ugira mirongwitatu na rimwe Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Omuri yima mu Bisirayeli; amara imyaka cumi n’ibiri ku ngoma; i Tirusa yahamaze imyaka itandatu;
24
bukeye agura na Shemeri umusozi w’i Samariya, atanga italanto zibiri z’ifeza, yubaka kur’ uwo musozi; umurwa yubatse awita Samariya, awitiriye Shemeri nyen’ uwo musozi.
25
Omuri akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, arusha abāmwitangiye imbere bose gukora ivyaha;
26
kuko yagendera mu ngeso zose za Yerobowamu mwene Nebati, no mu vyaha vyiwe yakora abikwegeramwo n’Abisirayeli, bigatuma batera umwikomo Uhoraho Imana yabo, bakamurakisha ibishushanyo vyabo.
27
Ibindi vyose vyadonzwe kuri Omuri, n’ivy’ ubuhizi bgiwe, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?
28
Nuko Omuri ahamvya ba sekuruza, bamuhamba i Samariya; maz’ umuhungu wiwe Ahabu asubira ku ngoma yiwe.
29
Mu mwaka ugira mirongwitatu n’umunani Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Ahabu mwene Omuri yima mu Bisirayeli; amara imyaka mirongwibiri n’ibiri i Samariya aganza Abisirayeli.
30
Kandi Ahabu uwo, mwene Omuri, akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi kurusha abāmwitangiye imbere bose.
31
Kandi nk’ ah’ umengo vyamubereye ivyoroshe kugendera mu ngeso za Yerobowamu mwene Nebati, agerekako yābīra Yezebeli umukobga wa Etibayali umwami w’Abasidoni, aragenda asaba Bayali, aba ari yo asenga;
32
mbere yubakira Bayali igicaniro mu ngoro yayubakiye i Samariya,
33
ashinga n’ inkingi za Ashera. Kandi Ahabu uwo yakoze ivyo gutera umwikomo Uhoraho Imana y’Abisirayeli, kurusha abandi bami bose b’Abisirayeli bāmwitangiye imbere.
34
Kandi ku ngoma yiwe ni ho Hiyeli w’i Beteli yubaka i Yeriko. Acubaka itanguriro ryaho abura umwana wiwe w’imfura yitwa Abiramu, maz’ agitera ibikingi vy’amarembo yaho abura umwana wiwe w’umuhererezi yitwa Segubu, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugiye mu kanwa ka Yosuwa mwene Nuni.
← Chapter 15
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 17 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22