bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 9
1 Kings 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 10 →
1
Maze Salomo arangije kwubaka ingoro y’Uhoraho n’ingoro y’ubgami n’ivyo yagomvye gukora vyose,
2
Uhoraho amwiyereka ubugira kabiri, nk’uko yamwiyerekeye i Gibeyoni.
3
Uhoraho aramubarira, ati Numvise ugusenga kwawe n’ukwinginga kwawe wingingiye imbere yanje; kandi nejeje iyi ngoro wubakiye izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose; nzoyihozakw amaso n’umutima na ntaryo.
4
Nuko nawe ni wagendera imbere yanje nk’uko so Dawidi yagenda, ufise umutima w’ukuri kand’ utunganye, ugakora ivyo nakugeze vyose, ukitondera amabgirizwa yanje n’amateka nashinze;
5
nanje nzotuma ingoma yawe ihangama mu Bisirayeli ibihe vyose, nk’uko nasezeraniye so Dawidi, nkamubarira, nti Ntuzobura uwo gusubira ku ngoma y’ i Bgisirayeli.
6
Ariko ni mwanta, mukareka kunkurikira, cank’ abana banyu, ntimwitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje nabashize imbere, mukaja gusaba izindi mana, mukaba ari zo musenga;
7
nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;
8
kand’ iyi ngoro nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuze agahwa, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?
9
Bazomwishura, bati N’uko bahevye Uhoraho Imana yabo, yakūye ba sekuruza mu gihugu ca Egiputa, bakaramatana n’izindi mana, bakazisenga, bakaba ari zo basaba; ni co catumye Uhoraho abateza ivyo vyago vyose.
10
Nuko hashize imyaka mirongwibiri, ari yo Salomo yubakiyemw’ ingoro zompi, iy’ Uhoraho n’iyiwe ubgiwe,
11
umwami Salomo aha Hiramu ibisagara mirongwibiri mu gihugu c’i Galilaya; kandi Hiramu uwo, umwami w’i Tiro, ni we yari yarahaye Salomo ibiti vy’amasederi n’ivy’ akajwari n’amazahabu, nk’uko yagomba kwose.
12
Bukeye Hiramu ava i Tiro aja kugendura ivyo bisagara Salomo yamuhaye; maze ntiyabishima.
13
Aramubarira, ati Mbega mugenzi wanje, ibisagara wampaye ubona ar’ ibisagara ki? Ni kwo kuhīta igihugu c’i Kabula; kandi ni ko hacitwa na bugingo n’ubu.
14
Kandi Hiramu yari yararungikiye umwami Salomo amazahabu italanto ijana na mirongwibiri.
15
Ubu ni bgo buryo umwami Salomo yashizeh’ abanyabikebere bo kwubaka ingoro y’Uhoraho n’ingoro yiwe ubgiwe n’i Milo n’uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, n’i Hasori n’i Megido n’i Gezeri.
16
Kandi Farawo umwami wa Egiputa yari yarateye i Gezeri, arahatsinda, arahaturira, ageseza Abanyakanani bāba mur’ ico gisagara, ahaha muka Salomo umukobga wiwe kw indongoranywa.
17
Nuko Salomo yubaka i Gezeri nyene, n’i Beti‐horoni ho hepfo,
18
n’i Bayalati n’i Tamari mu bugaragwa bgo mu gihugu c’Abayuda;
19
n’ibisagara vyose vy’ibigega vyiwe, n’ibisagara vyo kubīkamw’ imikogote yiwe, n’ivy’ abagendera ku mafarasi biwe, n’ amazu yose yagomvye kwubaka i Yerusalemu n’i Lebanoni no mu gihugu cose yaganza.
20
Abantu bose b’amasigarira y’Abamori n’ Abaheti n’Abaferizi n’Abahiwi n’ Abayebusi, abatār’ Abisirayeli,
21
abuzukuruza babo bari barasigaye mu gihugu, abo Abisirayeli batāshoboye guherengeteza rwose, abo ni bo Salomo yatojemw’ abo gushinga ibikebere, abahindura abaja na bugingo n’ubu.
22
Ariko mu Bisirayeli bo, nta bo yahinduye abaja; ariko bār’ ingabo zo kuja mu ntambara, n’abagendanyi, n’abagabisha b’ingabo, n’ abatware, n’abagaba abagendera ku mafarasi n’imikogote.
23
Abo ni bo bakoresha bakuru bāgaba ibikorwa vya Salomo; bose na bose bār’ amajana atanu na mirongwitanu, bārāba abantu mu bikorwa.
24
Maze wa mukobga wa Farawo yimuka mu gisagara ca Dawidi, aja kuba mu ngoro Salomo yamwubakiye; maze Salomo yubaka i Milo.
25
Kandi Salomo yahora atanga ibimazi vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe gatatu‐gatatu mu mwaka, abitangira ku gicaniro yubakiye Uhoraho, akosereza n’imibavu imbere y’Uhoraho.
26
Kand’ umwami Salomo abāzīsha amāto i Eziyoni‐geberi, hafi y’i Eloti, kw isēsero ry’Ikiyaga Gitukura mu gihugu c’Abanyedomu.
27
Maze Hiramu arungika mur’ ayo māto abantu biwe b’ abasoza bamenyereye ivy’ ikiyaga, bafatanya n’abantu ba Salomo;
28
baragenda baja i Ofiru, bakūray’ amazahabu italanto amajana ane na mirongwibiri, bayazanira umwami Salomo.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22