bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 20
1 Kings 20
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 21 →
1
Bukeye Beni‐hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose, aradūga aja gutera i Samariya, ahugariza impande zose; abami mirongwitatu na babiri bafatanya na we, bari n’amafarasi n’imikogote y’intambara.
2
Atuma intumwa mur’ ico gisagara kuri Ahabu umwami w’Abisirayeli,
3
muti Beni‐hadadi agize ngw Amafeza yawe n’amazahabu yawe n’ayiwe; ngo Mbere n’abarusha abandi ubgiza mu bagore bawe no mu bana bawe, ngo Na bo n’abiwe.
4
Umwami w’Abisirayeli arabishura, muti Bizoba uk’ uvuze, segaba mwami wiwe; muti N’uwawe, bo n’ivy’ afise vyose.
5
Bukeye izo ntumwa ziragaruka, ziti Beni‐hadadi agize ngo Yari yagutumyeko ng’ umuhe amafeza yawe n’ amazahabu, n’abagore bawe n’ abana;
6
ngw Ariko rer’ ejo nk’ aya mango azorungika abantu biwe i wawe, basakangure mu ngoro yawe no mu mazu y’abantu bawe; maz’ ico bazobona cose giteye igomwe bakinyage, bakizane.
7
Maz’ umwami w’Abisirayeli atuma guhamagaza abashingantahe bose bo mu gihugu, arababarira, at’ Ehe rāba ingen’ uyo mugabo atwigenzako, muvyiyumvire! Erega yari yantumyekw abagore banje n’abana banje n’amafeza yanje n’amazahabu yanje, sinabimwima!
8
Nukw abo bashingantahe bose n’abantu bose baramwishura, bati Ntuhīrahīre ng’ umwumvire, ntuvyemere.
9
Nukw abarira za ntumwa za Beni‐hadadi, ati Mumbaririre segaba umwami wanje, mut’ Ivyo wamutumyeko vyose ubga mbere, mut’ Ivyo yari kubikora; mut’ Arikw ivy’ ubu vyo ntabishoboye. Nukw izo ntumwa ziragenda, zimubarira ukw amwishuye.
10
Beni‐hadadi yongera kumutumako, muti N’umukungugu ur’ i Samariya, muti Ni waramuka ukwiye ingabo ziwe zimukakako, mut’ Umuntu wese ngw ayore n’urushi na rumwe, mut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!
11
Umwami w’Abisirayeli arabishura, ati Mumubgire, mut’ Ūcambara ibirwanishwa aja kurwana, muti Ntaze yihaye nk’ūvyambura avuye kunesha!
12
Ayo majambo bayabarira Beni‐hadadi akirikw aranywa hamwe na ba bami, bari mu nsago; avyumvise, abarira ingabo ziwe, ati Ni mwikazanure! Nuko barikazanura ngo batere igisagara.
13
Ako kanya umuntu avugishwa n’Imana arenguka imbere ya Ahabu umwami w’Abisirayeli, aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbega ntubona izo ngabo ukuntu ar’ isinzi? ng’ Uyu musi arazigabura mu maboko yawe, ngo Nawe uca umenya kw ar’ Uhoraho.
14
Ahabu aramubaza, ati Ni ba nde bagiye kubanesha? Na we aramwishura, at’ Uhoraho agize ngo N’imikangara y’abaganwa. Arongera aramubaza, at’ Ūja gusomboroza ni nde? Na we ati Ni wewe.
15
Nukw akoranya iyo mikangara y’abaganwa, baba amajana abiri na mirongwitatu na babiri; hanyuma akoranya ingabo zose z’Abisirayeli, baba ibihumbi ndwi.
16
Mu gihe c’amashōka barasokoroka bava mu gisagara ngo barwane. Kand’ ico gihe Beni‐hadadi yarikw aranywa, amaze kuborerwa, bo na ba bami bari batabaye, ukw ari mirongwitatu na babiri, bari mu nsago.
17
Ya mikangara y’abaganwa ni bo babanje gusokoroka; kandi Beni‐hadadi yar’ atumye abo kumurerekera, baraza baramubarira, bati Hasokorotse abantu bavuye i Samariya.
18
Aravuga, ati Namba bazanywe no kwisaba, mubafate mpiri; na ho ni baba baje kurwana, na ho nyene mubafate mpiri.
19
Maz’ iyo mikangara y’abaganwa, bo na za ngabo zibakurikiye, basokorotse mu gisagara,
20
batangura gushirako, umuntu wese agira uwo yica; maz’ Abasiriya barahunga, Abisirayeli barabakinagiza; maze Beni‐hadadi asimbira kw ifarasi, hamwe n’abandi bayagenderako, arabakira.
21
Maz’ umwami w’Abisirayeli na we asokoroka mu gisagara, atera abagendera ku mafarasi n’imikogote, atikiza Abasiriya agatikizo gakomeye.
22
Hanyuma wa muvugishwa aza ku mwami w’Abisirayeli, ati Genda witegure, wiyumvire umenye uk’ uzogenza, kuko mu mwaka utaha ku gacikamvura, umwami w’i Siriya azokwongera kugutera.
23
Maz’ abantu b’umwami w’i Siriya baramubarira, bat’ Imana yabo n’imana ikara mu misozi miremire, ni co catumye batunesha; ariko none tuze turwanire na bo mu biyaya: ntituzobura kuba ari twebge tubanesha.
24
Kand’ uz’ ugenze urtya: ukwiye gukūrah’ abo bami, bave mu myanya yabo, maze mu gishingo cabo ushireh’ abagabisha;
25
uheze ukoranye izindi ngabo zingana n’izo wabuze; usubize ifarasi mu gishingo c’iyabuze, n’umukogote mu gishingo c’uwabuze nyene. Duheze tuze turwanire na bo mu kiyaya, maze ntituzobura kuba ari twebge tubanesha. Nukw arabemerera, abigenza artyo.
26
Nuko wa mwaka utashe, ku gacikamvura Beni‐hadadi akoranya Abasiriya, aradūga aja i Afeka ngw atere Abisirayeli.
27
Maz’ Abisirayeli barakorakorana, bahitana impamba zabo, baragenda baratabara, baca insago ahahanganye na bo, bameze nk’udukuku tubiri tw’ impene, arikw Abasiriya bo bari bājimagije igihugu.
28
Maze haza umuntu w’Imana, abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Abasiriya ko bavuze ng’ Uhoraho n’imana ikara mu misozi miremire, ngw Ariko s’imana ikara mu biyaya; ngo none rero, aya masinzi y’ingabo agiye kuyagabura mu maboko yawe, ngo Namwe muzomenya kw ari we Uhoraho.
29
Nuko bamara imisi ndwi bashagaje ngaho bahanganye. Maze ku musi ugira indwi bararumana. Abisirayeli bica mu Basiriya ingabo ibihumbi ijana ku musi umwe.
30
Abasigaye bahungira mu gisagara c’i Afeka; maz’ uruzitiro rwaho rw’amabuye rusidukira ku bantu ibihumbi mirongwibiri n’indwi mur’ abo bari basigaye. Beni‐hadadi na we arahunga, yitera mu nzu yo mur’ ico gisagara, arenga hirya mu mpete.
31
Maz’ abamenyekana biwe baramubarira, bati Twumvise kw abami b’Abisirayeli ar’ abami b’ abanyakigongwe; enda rero ni dukenyere amagunira, twīte ibiyonzoyonzo mw izosi, dusokoroke tuje ku mwami w’Abisirayeli; kumbure yoguhangaza.
32
Nuko bakenyera amagunira, bīta ibiyonzoyonzo mw izosi, baja ku mwami w’Abisirayeli, baramubarira, bat’ Umusavyi wawe Beni‐hadadi ngo Mutabare umuhangaze. Arababaza, ati Mbeg’ aracariho? Na kare yari mugenzanje.
33
Kand’ abo bagabo bari bareretse iryomuvamwo, baca bamuzigira kur’ iryo jambo, bat’ Eka Beni‐hadadi yari mugenzawe koko. Na we ati Ni mugende mumuzane. Nuko Beni‐hadadi arasokoroka, aza iy’ ari; Ahabu amwūriza mu mukogote wiwe.
34
Maze Beni‐hadadi aramubarira, at’ Ibisagara data yanyaze so nzobigusubiza; kand’ uzogira aho kudandariza i Damasiko, nk’uko data yar’ ahafise i Samariya. Ahabu aramwishura, ati Ndemeye iryo sezerano: ndakurekuye. Nuko barasezerana, aramurekura.
35
Hār’ umuntu wo mu bīga ivy’ ukuvugishwa abarira mugenzi we avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, at’ Enda nkubita. Uwundi yanka kumukubita.
36
Uwo muvugishwa aramubarira, ati K’ utumviye Uhoraho, ni twamara gutandukana intambge irakwica. Nuko bamaze gutandukana, ahūra n’intambge, iramwica.
37
Uwo muvugishwa abona uwundi muntu, aramubarira, at’ Enda nkubita. Uwo we aramukubita, aramukomeretsa.
38
Uwo muvugishwa aragenda, ategera umwami ku nzira, ariyoberanya, yipfuka igitambara mu maso.
39
Maz’ umwami ahaciye, aramutakambira, ati Jewe umusavyi wawe nari nagiye mu ntambara; ngize ntya mpūra n’umugabo afashe umuntu, aramunshikiriza ngo ndamurinde; ngo Na ho ni yacika, ngo Ni jewe nzosubira mu gishingo ciwe, ngo Canke nze ntange italanto imwe y’ifeza.
40
Ariko ndiko ndacurumba nja hirya no hino, uwo muntu arancika. Maz’ umwami w’ Abisirayeli aramubarira, at’ Urubanza ruragutsinze: kandi ni wewe urwiciriye.
41
Ubgo nyene aca anyarutsa gukūra ico gitambara mu maso; umwami w’Abisirayeli aca abona kw ar’ uwo mu bavugishwa.
42
Uwo muvugishwa aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ko warekuye umuntu yar’ atanze ngw apfe, usubiye mu gishingo ciwe, n’abantu bawe basubiye mu gishingo c’abiwe.
43
Nuk’ umwami w’Abisirayeli aca ataha i we i Samariya, ashavuye, yijiriwe.
← Chapter 19
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 21 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22