bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
1 Kings 13
1 Kings 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 14 →
1
Yerobowamu agihagaze ku gicaniro, agira yōse imibavu, haza umuntu w’Imana avuye i Buyuda, aje i Beteli, azanywe n’ ijambo ry’Uhoraho.
2
Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.
3
Kandi kur’ uwo musi nyene abaha ikimenyamenya, at’ Iki ni co kimenyamenya Uhoraho atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, umunyota wo kuri co usēseke.
4
Maz’ umwami Yerobowamu yumvise ijambo uwo muntu w’Imana yasemereye, avugiye kur’ ico gicaniro c’i Beteli, amutunga ukuboko ahagaze ku gicaniro, aravuga, ati Ni mumufate! Uwo mwanya ukuboko yar’ amutunze guca kuranyūnyūka, bituma adashobora kukwigarukanako.
5
Igicaniro na co gica kirasaduka, umunyota wo kuri co urasēseka, nk’ukw ikimenyamenya uwo muntu w’Imana yabahaye kiri, abivugishijwe n’ ijambo ry’Uhoraho.
6
Maz’ umwami abarira uwo muntu w’ Imana, at’ Inginga Uhoraho Imana yawe ampangaze, unsabire, ukuboko kwanje gukire. Nuk’ uwo muntu w’Imana yinginga Uhoraho, ukuboko kw’umwami kurakira, gusubira kumera uko kwahora.
7
Maz’ umwami abarira uwo muntu w’Imana, ati Ngwino tujane i wanje, ndakuzimane, nteko ndagutāsure.
8
Uwo muntu w’Imana yishura umwami, ati Naho wompa igihimba c’ivyo mu ngoro yawe, nta ho twojana i wawe; kandi sinshobora kugira ico ndīra ino, canke ngo ndahanywere n’amazi;
9
kukw ari kw ijambo ry’Uhoraho ryanyihanikirije, ngo Sinze ngire ico ndya, canke ngo nnywe n’amazi, kandi ngo sinze nsubire mu nzira nazananye.
10
Nukw aragenda, ajana iyindi nzira, ntiyasubira mu nzira yazananye aza i Beteli.
11
Kand’ i Beteli hār’ umutāma yavugishwa n’Imana; abahungu biwe baraza, bamwīgānira ivyo uwo muntu w’Imana yakoreye i Beteli vyose uwo musi; n’amajambo yabariye umwami, na yo bayīgānira se.
12
Se arababaza, at’ Aciye mu yihe nzira? Kand’ uwo muntu w’Imana yavuye i Buyuda, abo bahungu bari babonye inzira aciyemw’ iy’ ari yo.
13
Nukw abarira abahungu biwe, ati Ni munshirire amatandiko ku ndogoba. Bayamushiriyeko, arayūrira,
14
akurikira uwo muntu w’Imana, asanga yicaye musi y’igiti c’umweloni, aramubaza, ati Mbega ni wewe muntu w’Imana waje uva i Buyuda? Na we at’ Ego me ni jewe.
15
Aramubarira, ati Ngwino dusubirane i muhira, ufūngure.
16
Aramwishura, ati Sinemererwa gusubirana inyuma nawe, canke ngo tujane i wawe, canke ngo ngire ico nsangirira nawe aha hantu, ar’ ico kurya cank’ ico kunywa;
17
kuko nabariwe n’ ijambo ry’Uhoraho, ngo Sinze ngire ico ndya, canke ngo nnywe n’amazi, kandi ngo sinze nsubire mu nzira nazananye.
18
Na we aramwishura, ati Nanje nd’ ūvugishwa n’Imana nkawe, kand’ umumarayika yambariye avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, ati Genda umugarure, umujane i wawe, umuhe ico arya n’ico anywa. Ariko yaramubesha.
19
Nuko basubirana inyuma; bashitse i we amuha ico arya n’ico anywa.
20
Bakiri ku meza, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri wa muvugishwa yamugaruye;
21
avuga n’ijwi rirenga, abarira uwo muntu w’ Imana yavuye i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ko wanse kwumvira ijambo ryiwe, ntiwitondere icagezwe ciwe, Uhoraho Imana yawe,
22
ariko ng’ Ukagaruka, ukarya ivyo kurya ukanywera n’amazi ahantu yakubujije, ngo Ntuz’ ugire ico urya cank’ ico unywa; ngo Nuko rero, umuvyimba wawe ntuzoruha ushika mu mva ya ba sogokuruza.
23
Hanyuma amaze kurya no kunywa, wa muvugishwa yamugaruye amushirira amatandiko ku ndogoba;
24
nukw aragenda; araheza ahūra n’intambge, iramwica, umuvyimba wiwe urambarara mu nzira, indogoba iwuhagarara i ruhande; intambge na yo ihagarara i ruhande y’uwo muvyimba nyene.
25
Maz’ abantu bahaciye, babona uwo muvyimba urambaraye mu nzira, n’intambge iwuhagaze i ruhande; baragenda babivuga mu gisagara ah’ uwo muvugishwa w’umutāma yaba.
26
Maz’ uwo muvugishwa yamugaruriye mu nzira avyumvise, aravuga, ati Ni wa muntu w’ Imana atumviye ijambo ry’Uhoraho; ni co gitumye Uhoraho amutērēra intambge, ikamutabagura, ikamwica, nk’ukw ijambo ryiwe ryamubariye.
27
Araheza abarira abahungu biwe, ati Ni munshirire amatandiko ku ndogoba; nuko bayashira kuri yo.
28
Nukw aragenda, asanga uwo muvyimba urambaraye mu nzira, na ya ndogoba n’intambge bihagaze i ruhande yawo; arikw iyo ntambge ntiyari yariye uwo muvyimba, canke ngw itabagure iyo ndogoba.
29
Nuk’ uwo muvugishwa w’umutāma aterura umuvyimba w’uwo muntu w’Imana, awuremēka iyo ndogoba, arawuhindukirana, awujana mu gisagara, ngw amuririre, amuhambe;
30
ahamba uwo muvyimba mu mva yiwe yari yiyimbiye; baramuborogera, bati Yō! Ewe mwene data!
31
Nukw amaze kumuhamba, abarira abahungu biwe, ati Ni napfa, muze mumpambe mur’ iyi mva uwo muntu w’Imana ahambgemwo; umuvyimba wanje muze muwurambike i ruhande y’amagufa yiwe.
32
Kukw ivyo yavuze n’ijwi rirenga ata kizobibuza gushika, abivugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro c’i Beteli n’utunyabugoro twose two mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Samariya.
33
No hanyuma y’ivyo, Yerobowamu ntiyahindukiye ngw areke inzira yiwe mbi, arikw akomeza gupfa gutoranya mu bantu bose abo agira abaherezi bo mu bitabo; uwabigomba wese yaramurobanura, kugira ngw abe umuherezi wo mu bitabo.
34
Nukw ico kibera inzu ya Yerobowamu akaziri, kiraruha kiyikwegera gucibga no guheneberezwa kw isi.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22