bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 11
Matthew 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 12 →
1
Yesu arangije gutuma abigishwa biwe cumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivy’ Imana mu bisagara vyabo.
2
Ariko Yohana ari mu nzu y’imbohe, yumva ivyo Kristo akora, atuma abigishwa biwe kumubaza,
3
ati Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?
4
Yesu arabishura, ati Ni mugende mubarire Yohana ivyo mwumva n’ivyo mubona.
5
Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.
6
Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
7
Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?
8
Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami.
9
Ariko mwajanywe n’iki? Mbega kwar’ ukurāba umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane.
10
Uyo ni we yanditswe, ng’ Umve ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira imbere yawe.
11
Ndababgire ukuri: Mu bāvyawe n’abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi. Arik’ umutoya mu bgami bgo mw ijuru aramuruta.
12
Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi.
13
Kukw abavugishwa n’Imana bose bāvugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa igihe ca Yohana,
14
kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo ni we Eliya yavuzwe kw azoza.
15
Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.
16
Arikw ab’uru runganwe ndabagereranye n’iki? Basa n’abana bicaye mu tuguriro, bahamagara bagenzi babo,
17
bati Twavugije imyironge ntimwahamiriza; twakomye induru, ntimwaboroga.
18
Kuko Yohana yaje, atarya, atanywa, bavuga bat’ Ahagazweko na dayimoni.
19
Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.
20
Bun’ atangura guhambarira ibisagara yakoreyemw’ ibikomeye vyinshi, kuko batihannye.
21
At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.
22
Ariko ndababgire: muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge.
23
Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.
24
Ariko ndababgira yukw igihugu c’i Sodomu kizogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha wewe.
25
Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.
26
Ego me, Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.
27
Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.
28
Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;
29
mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.
30
Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28