bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 26
Matthew 26
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 27 →
1
Yesu arangije ayo majambo yose, abgira abigishwa biwe,
2
ati Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’ Umwana w’umuntu azotangwa abambge.
3
Maz’ abaherezi bakuru n’abakuru b’ubgo bgoko bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayafa,
4
baja inama yo gusuka Yesu ngo bamufate, bamwice.
5
Ariko, bati Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.
6
Yesu ar’ i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe,
7
umugore aza kuri we afise ikebano ry’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, ayamusuka ku mutwe, arikw ararya.
8
Arikw abigishwa babibonye, baritonganya, bati Mbeg’ ubu buhombe n’ubg’ iki?
9
Aya yoshoboye kugurwa vyinshi bigahabga aboro.
10
Yesu avyumvise arababgira, ati Mubabariza iki uyu mugore? Ankoreye igikorwa ciza.
11
Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.
12
Igitumye ansuka ayo mavuta ku mubiri n’ukuntegurira guhambga.
13
Ndababgire ukuri: Ah’ ubu butumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze na co kizovugwa kibe icibutso ciwe.
14
Maz’ umwe muri bamwe cumi na babiri, yitwa Yuda Isikaryota, aja ku baherezi bakuru,
15
arababaza, ati Mwompēra iki, nkazomubaronkera? Bamugerera intete z’ifeza mirongwitatu.
16
Aherakw arondera uburyo bgo kumubaronkera.
17
Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza, bat’ Ugomba ko tugutegurira hehe ah’ uriburīre ivya Pasika?
18
Arabishura, ati Ni muje mu gisagara kwa ntuze, mumubarire, mut’ Umwigisha agize ngw Igihe ciwe kiri hagufi, agira asangirire ivya Pasika n’abigishwa biwe i wawe.
19
Abigishwa bagira nk’uko Yesu yababariye, bategura ivya Pasika.
20
Bugorovye, yicarana n’abigishwa biwe cumi na babiri ngo basangire.
21
Bariko bararya, arababgira, ati Ndababgira ukuri yuk’ umwe muri mwebge agira angure.
22
Barababara cane, batangura kumubaza umwe‐umwe, bati Ni jewe ga Mugenzi?
23
Arabishura, at’ Uwo duhūje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angura.
24
Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.
25
Yuda amugura aramubaza, ati Ni jewe ga Mwigisha? Na we at’ Urarivuze.
26
Bariko bararya, Yesu yābīra umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje.
27
Yābīra igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati Ni mukinywereko mwese,
28
kukw iki ar’ amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.
29
Ariko ndababgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa kur’ izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bgami bga Data.
30
Bahejeje kuririmba, barasohoka baja ku musozi wa Elayono.
31
Maze Yesu arababgira, ati Mwebge mwese mur’ iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.
32
Ariko ni namara kuzurwa, nzobītangira imbere kuja i Galilaya.
33
Maze Petero aramwishura, at’ Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.
34
Yesu aramubgira, ati Ndakubgira ukuri yuko mur’ iri joro inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.
35
Petero aramubgira, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abigishwa bose bavuga bartyo.
36
Maze Yesu ashikana na bo ahantu hitwa i Getsemane, abgira abigishwa biwe, ati Ba muricaye hano, mbanze nje harya gusenga.
37
Ajana Petero na bene Zebedayo bompi, atangura kubabara no guhagarika umutima cane.
38
Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica: ba muragumye aha, mubane maso nanje.
39
Yunguruza imbere gatoya, arubama, arasenga, ati Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.
40
Agaruka ku bigishwa, asanga basinziriye, abaza Petero, at’ Ubgo ntimurushe mubana maso nanje n’isaha n’imwe?
41
Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’ umubiri ufise intege nke.
42
Yongera kugenda ubga kabiri, arasenga, ati Data, asangwa bidashoboka yukw iki kindēngāna, shiti nkinywereyeko, ni bibe nk’uk’ ugomba.
43
Yongera kugaruka asanga basinziriye, kukw amaso yabo yar’ aremerewe.
44
Yongera kubasigaho, aragenda, asenga ubga gatatu, avuga amajambo amwe n’aya mbere.
45
Maz’ agaruka ku bigishwa, arababarira, ati Ni mwisinzirire noneho, muruhuke. Eh’ igihe kirashitse, Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha.
46
Ni muvyuke, tugende, eh’ ūnguze ari hafi.
47
Akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero cinshi, kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko.
48
Arik’ ūmugura yari yabahaye ikimenyetso, at’ Uwo nja gusoma azoba ari we; mumufate.
49
Ako kanya ashikīra Yesu, aramubgira, ati N’amahoro ga Mwigisha? Maz’ aramusomagura.
50
Yesu aramubarira, ati Mugenzi wanje, ikikuzanye n’ugikore. Buno baraza, bashōrera amaboko kuri Yesu, baramufata.
51
Maz’ umwe mu bāri kumwe na Yesu atuma ukuboko, asokōra inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
52
Buno Yesu aramubarira, ati Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.
53
Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri?
54
Non’ ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?
55
Uwo mwanya Yesu abaza ico gitero, ati Mbega munziye kumfata nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri? Ko nicara mu rusengero nigisha imisi yose ntimumfate?
56
Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike. Bun’ abigishwa bose baramuta, barahunga.
57
Abāfashe Yesu bamujana kwa Kayafa, umuherezi mukuru, ni ho abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe bāri bakoraniye.
58
Ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka, gushitsa ku rugo rw’umuherezi mukuru, ashika imbere, yicarana n’abagendanyi ngw arābe amaherezo.
59
Abaherezi bakuru n’abashingantahe b’amakombe bose baronderera Yesu ibirego vy’ibinyoma, ngo babone ingene bomwica.
60
Ariko barabibura, naho haje abīgize ivyabona benshi. Ubuheruka haza babiri,
61
bat’ Uyo yagize ngo yoshobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.
62
Umuherezi mukuru arahaguruka, aramubaza, ati Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?
63
Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.
64
Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.
65
Bun’ umuherezi mukuru yitantamurirakw impuzu ziwe, at’ Ararogose; turacaronderera iki ivyabona? Ehe murīyumviye ingen’ arogose:
66
mugira ngw iki? Na bo baramwishura, bat’ Akwiye gupfa.
67
Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubīngūra,
68
bati Yewe Kristo, dupfindūre: ni nde agukubise?
69
Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza ah’ ari, iti Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya.
70
Na we abihakanira mu maso ya bose, at’ Ico uvuze sindanakizi.
71
Yungururije mu bikingi vy’irembo, iyindi ncoreke iramubona, ibarira abar’ aho, iti N’uyu nyene yari kumwe na Yesu Umunyanazareti.
72
Yongera kubihakana arahira, at’ Uyo muntu sindanamuzi.
73
Hahise akanya, abahagazeho baramwēgēra, babgira Petero, bati N’ivy’ ukuri nawe ur’ uwo muri bo; bitayeko n’imvugo yawe iraguhinyuza.
74
Bun’ atangura kurahira arīsiba, at’ Uyo muntu sindanamuzi. Uwo mwanya inkoko irabika;
75
Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 27 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28