bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 8
Matthew 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 9 →
1
Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira.
2
Maz’ umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.
3
Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.
4
Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.
5
Ashitse i Kaperinawumu, haza umugabisha w’abasoda ijana, aramwinginga,
6
ati Mushingantahe, umuhungu wanje n’ikimuga, aryamye mu nzu, arasinzikaye cane.
7
Aramubgira, ati Ndaje kumukiza.
8
Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.
9
Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe, nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje, nti Kora iki, akagikora.
10
Yesu avyumvise, biramutangaza, abgira abamukurikiye, ati Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.
11
Ndababgira yuko benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru;
12
arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.
13
Yesu abgira uwo mugabisha, at’ Igīre, bikubere nk’uko wizeye. Nuko wa muhungu akira uno mwanya.
14
Yesu yinjiye mu nzu kwa Petero, abona inabukwe aryamye afashwe n’umururumbo.
15
Amukora ku kuboko, umururumbo urazima; aravyuka, aramuzimana.
16
Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose,
17
ngw ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya biboneke, ng’ Ubgiwe ni we yatwara ubumuga bgacu, akikorera n’indwara zacu.
18
Yesu abonye ishengero ryinshi rimukikije, agera ko bajabuka hakurya.
19
Haza umunyabgenge w’ivyanditswe, aramubgira, ati Mwigisha, ndagukurikira ah’ uja hose.
20
Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.
21
Uwundi mu bigishwa aramubgira, ati Mugenzi, banza undekure, ngende mpambe data.
22
Ariko Yesu aramubgira, ati Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.
23
Atambukira mu bgato, abigishwa biwe baramukurikira.
24
Haza igihuhuta gikomeye mu kiyaga, bituma ubgato buzimirira mu mipfunda: ariko we yar’ asinziriye.
25
Baraza baramukangura, bati Mugenzi, dukize, turapfuye.
26
Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba, mwa bafise ukwizera guke mwe? Bun’ aravyuka azibiza ingunza n’ikiyaga, haba agahwekere rwose.
27
Maz’ abo bantu baratangara, bat’ Uyu n’umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira?
28
Afashe hakurya mu gihugu c’Abagadareni, babiri binjiwemwo n’abadayimoni baramusanganira bava mu masenga y’imva, bari bakaze cane, bituma ata wushobora guhita mur’ iyo nzira.
29
Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?
30
Kure yabo hār’ umukuku w’ingurube nyinshi zirisha.
31
Abadayimoni baramwinginga, bati Namb’ udusenda, uturungike mur’ uriya mukuku w’ingurube.
32
Arababgira, ati Ni mugende. Babasokorokamwo, baragenda, baja mur’ izo ngurube. Wa mukuku wose wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, zihonera mu mazi.
33
Abāziragira barahunga; bashitse mu gisagara bavuga ivyo babonye vyose n’ivy’ abāri binjiwemwo n’abadayimoni.
34
Abo mur’ ico gisagara bose baja gusanganira Yesu. Bamubonye, baramwinginga ngw ave mu ntāra yabo.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28