bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 2
Matthew 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 3 →
1
Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,
2
barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.
3
Umwami Herode avyumvise, ahagarikana umutima n’ab’i Yerusalemu bose.
4
Akoranya abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bose bo mur’ ubgo bgoko, arababaza, ati Kristo azovukira hehe?
5
Bati N’i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya, ni ko vyanditswe n’umuntu yavugishwa n’Imana,
6
ngo Kandi wewe, Betelehemu mu ntāra ya Yuda, Nturi mutoya mu baganwa ba Yuda, Kuko kuri wewe hazova ūganza, Ni we azoragira abantu banje b’Abisirayeli.
7
Buno Herode ahamagaza ba banyabgenge mu mpisho, abasiguza igihe iyo nyenyeri yabonekeye.
8
Abatuma i Betelehemu, ati Mugende, mubaze mushirutse umwete ivy’ uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje nze kumushengerera.
9
Na bo bumvise iry’ umwami, baragenda. Maz’ iyo nyenyeri bābonye i burasirazuba irabarōngōra, irinda ishika hejuru y’ah’ uwo mwana ari, ihagararaho.
10
Babonye iyo nyenyeri banezerwa akaneza kenshi cane.
11
Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.
12
Babgiriwe n’Imana mu nzozi ngo ntibasubire guca kwa Herode, baca mu yindi nzira, bīsubirira mu gihugu c’i wabo.
13
Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.
14
Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa,
15
agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.
16
Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.
17
Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye,
18
ngw Induru yumvikana i Rama, Amarira n’amaborogo menshi; Rakeli aririra abana biwe, Yanka kwīrūrwa, kuko batakiriho.
19
Herode amaze gutanga, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi ari muri Egiputa,
20
aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.
21
Avyutse, ajana umwana na nyina, aragenda, ashika mu gihugu c’i Bgisirayeli.
22
Ariko yumvise yuko Arukelayo yimye i Yudaya, asubiye ku ngoma ya se Herode, atinya kujayo. Abgiriwe mu nzozi, aja mu bihugu vy’i Galilaya.
23
Ashitseyo, agerēra mu gisagara citwa Nazareti, ngw ivyavuzwe n’abāvugishwa n’Imana bishike, ngw Azokwitwa Umunyanazareti.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28