bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 9
Matthew 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 10 →
1
Aja mu bgato, arajabuka, ashika mu gisagara c’i wabo.
2
Bamuzanira ikimuga bagiteruye mu nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abgira ico kimuga, ati Hūmura mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.
3
Bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe baribgira, bat’ Uyo ararogose.
4
Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?
5
Non’ icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka, ugende?
6
Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.
7
Aravyuka arataha.
8
Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.
9
Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro. Aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.
10
Kandi Yesu acicaye mu nzu arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha, basangira na Yesu n’abigishwa biwe.
11
Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe, bati N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha?
12
Avyumvise, aravuga, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye.
13
Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.
14
Kuri we haza abigishwa ba Yohana, bati N’iki gituma twebge n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, abigishwa bawe ntibisonzeshe?
15
Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.
16
Nta wokwomeka ikiremo c’igitambara gisha ku mpuzu y’umushire, kukw ico kiremo gica impuzu, intoboro ikarushiriza kuba nini.
17
Nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha, vyompi bikarama.
18
Akibabgira ivyo, haza umukuru w’isinagogi aramupfukamira, at’ Umwana wanje w’umukobga aradēndūtse, n’uze se, umurambikekw ikiganza, asubire abe muzima.
19
Yesu ava hasi, aramukurikira, bo n’abigishwa biwe.
20
Bun’ umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, amuturuka inyuma, akora ku buyonga bg’impuzu yiwe;
21
yari yiyumviriye mu mutima, ati N’iyo nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.
22
Buno Yesu arakebuka aramubona, aramubgira, ati Hūmura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Nya mugore akira uwo mwanya.
23
Yesu ashikiriye inzu y’uwo mukuru, abona abavuza imyironge n’abantu benshi bakoma induru,
24
arababgira, ati Ni muhave, kuk’ umukobga atāhwereye, arikw arasinziriye. Baramutwenga bamushinyagurira.
25
Abantu bamaze guhindirwa hanze, arinjira, amufata ukuboko, umukobga aravyuka.
26
Iyo nkuru ikwira mur’ ico gihugu cose.
27
Yesu avayo, akirikw aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi.
28
Ashitse mu nzu, za mpumyi ziza kuri we. Maze Yesu arazibaza, ati Murizeye ko nshobora kubikora? Na zo zit’ Ego me, Mushingantahe.
29
Aca akora ku maso yabo, ati Bibabere nk’uko mwizeye.
30
Amaso yabo arahumūka. Yesu arabihanikiriza, ati Murumva, ntihagire umuntu abimenya.
31
Ariko basohotse bamukwiza mur’ ico gihugu cose.
32
Bano bagisohoka, bamuzanira ikiragi cinjiwemwo na dayimoni.
33
Dayimoni amaze gusendwa ico kiragi kiravuga. Kand’ ishengero riratangara, riti Mu Bisirayeli ntiharibgaboneke ibimeze birtyo.
34
Arikw Abafarisayo baravuga, bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni.
35
Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose.
36
Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.
37
Maz’ abgira abigishwa biwe, at’ Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake.
38
Nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28