bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Matthew 23
Matthew 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 24 →
1
Maze Yesu abarira ishengero n’abigishwa biwe,
2
at’ Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo bicaye ku ntebe ya Mose.
3
Nukw ivyo bababgira vyose mubikore, muvyitondere. Ariko ntimukurikire ibikorwa vyabo, kukw ivyo bavuga atari vyo bakora.
4
Kandi bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.
5
Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.
6
Bakunda ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe, n’intebe z’icubahiro mu masinagogi,
7
no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.
8
None, ntimukitwe Rabi, kuk’ umwigisha wanyu ar’ umwe, namwe mwese mur’ abavukana.
9
Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’ umwe, ar’ uwo mw ijuru.
10
Kandi ntimukīyite umuranzi, kuk’ umuranzi wanyu ar’ umwe, ari Kristo.
11
Arik’ umukuru muri mwebge az’ abe umukozi wanyu.
12
Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ ūzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
13
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [
14
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukirya ingo z’abapfakazi musengesha menshi muhumba: ni co gituma muzocirwa urubanza ruruta izindi.]
15
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukwiragira mu kiyaga no ku misozi ngo muhindure n’umwe abe uw’ idini yanyu; iy’ ahindutse, mutuma abarusha kabiri kuba umwana wa Gehinomu.
16
Muzobona ibara, mwa ndongozi zihumye mwe, muvuga mut’ Ūzorahira urusengero s’ikigoye, arik’ ūzorahira izahabu yo mu rusengero azoba yikwegeye umwenda.
17
Mwa bipfu n’impumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe: n’izahabu canke n’urusengero rweza izahabu?
18
Kandi ng’ Ūzorahira igicaniro s’ikigoye, arik’ ūzorahira ishikanwa ririko azoba yikwegeye umwenda.
19
Mwa mpumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe, n’ishikanwa, canke n’igicaniro ceza ishikanwa?
20
Nuk’ ūrahiye igicaniro aba akirahiranye n’ibiriko vyose,
21
kand’ ūrahiye urusengero aba arurahiranye n’Īrubamwo,
22
kand’ ūrahiye ijuru aba arahiye intebe y’Imana n’Iyivyagirako.
23
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.
24
Mwa ndongozi zihumye mwe, muramimina agatūku, arikw ingamiya murayiyongobeza.
25
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwoza igikombe n’inkōko inyuma, arikw imbere vyuzuye ubgambuzi n’ukutigarura.
26
Wa Mufarisayo uhumye we, banza woze imbere mu gikombe no mu nkōko, inyuma havyo na ho habone kwera.
27
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko musa n’imva zihomeshejwe ingwa, ziboneka inyuma zīkuyengeje, arikw imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose.
28
Namwe ni ko muri: inyuma mubonekera abantu mur’ abagororotsi, arikw imbere mwuzuye uburyarya n’ubugarariji.
29
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi,
30
mukavuga mut’ Iyo tuba twariho mur’ ico gihe ca ba sogokuruza, ntitwari gufatanya na bo kuvisha amaraso y’abāvugishwa n’Imana.
31
Uko ni ko mwiyagiriza ko mur’ abana b’abishe abāvugishwa n’Imana.
32
None ni mwuzurize ingero ya ba sogokuruza banyu.
33
Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?
34
Ehe ngira ntume abavugishwa n’Imana n’abanyabgenge bo n’abanyabgenge b’ivyanditswe; bamwe muri bo muzobica, mubabambe, abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose;
35
bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro.
36
Ndababgire ukuri: Ivyo vyose bizoshika ku b’iki gihe.
37
Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!
38
Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka.
39
Kuko mbabgira yuko mutazosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28